Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi yaraye asohoye ikirangaminsi c’umwaka w’ishure 2020-2021 kumashure matomato n’ayisumbuye yo mu Burundi, uwo mwaka wishure ukazotangura kundwi iza, igenekerezo rya 7 nyakanga 2020.
Nk’uko itegeko ry’umushikiranganji N°610/1353 ryaraye rishizweko umukono kw’igenekerezo rya 01 nyakanga 2020 rivyerekana, umwaka w’ishure uzoba ugabuyemwo ibice bitatu uko vyahora.
- Igice cambere kizotangura kw’igekenerezo rya 7 Nyakanga 2020 gihere igenekerezo rya 24 Kigarama 2020;
- Igice ca kabiri kizotangura kw’igenekerezo rya 4 Nzero 2021 gihere igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2021;
- Igice ca gatatu kigatangura kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza gihere igenekerezo rya 2 Mukakaro 2021.
- Ikiruhuko gikuru kizotangura kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro 2021 umwaka w’ishure wa 2021-2022 nawo utangure igenekerezo rya 5 Nyakanga 2021.
Twobamenyeshako naho amashure agiye gutangura vuba mugihe abanyagihugu benshi bari mubukene bwokora amakara bugata nayo ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyaradugije ibeyi tugereranije no kumwa uheze. Abanyeshure n’abavyeyi bakaba bafise ubwoba ko amashure agiye gutangura kandi ingongo zokurwanya ikiza ca COVID19 zitafashwe neza mumashure, aho isuku n’intebe zotuma abana bategerana cane vyoba bidakwiye.