Burundi : Ikiza c’indwara itaramenyekana carateye mu ntara ya Muyinga.

Kw’ivuriro rya Gahararo muri komine Butihinda intara ya Muyinga hamaze imisi hivuriza abantu bafashwe n’indwara itamenyekana. Hakavugwa abarenga ijana bamaze gufatwa.

Iyo ndwara ifata abantu umengo ni ibisebe, muntango igatangura nk’umutwe w’ivunja, uwukozeko ako kagaca gafyonyoka, ibikomere bigakwira umubiri wose. Abamaze gufatwa bakaba buzuyeko ibikomere.

Abajejwe amagara y’abantu bakaba bataratora ubwoko bw’iyo ndwara ariko ibipimo bikaba vyarafashwe n’igisata co gupima indwara co kw’ishure kaminuza y’ubuganga INSP ejo kw’igenekerezo rya 21 kigarama 2019.

Abanyagihugu bagasabako amagara yabo yokwitabwaho ico kiza kikamenyekana kitarasasika inganda.