Burundi : Imbonerakure zo mu Gikoto zarakubise abasirikare harimwo umunyeshure wo muri ISCAM

Mu gasho ka zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura, harapfungiwe imbonerakure zirenga cumi kuva kuw’Imana igenekerezo rya 10 gitugutu 2019 zagirizwa gukubita abasirikare babiri n’umumwigisha umwe zikabatwara amafaranga, impuzu n’amaterefone.

Hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 9/11/2019 mu masaha ya satatu z’ijoro(21h) aho abasirikare babiri uwitwa Prosper akorera mw’ikambi y’i Mwaro, uwitwa Pontien yiga mw’ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM hamwe n’umwigisha wo muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro bari bavuye murubanza rw’ubugeni bw’umuvukanyi wabo i mugisagara ca Bujumbura, bagiye aho barara, bageze ahitwa kuri 9 baja mu Gasekebuye, bategerwa n’umugwi w’imbonerakure zo mu Gikoto, zone Musaga komine Muga. Urwo rwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD, rwarabakubise barashaya rubatwara ivyo bari bafise vyose nkuko amakuru Ikinyamakuru Itara Burundi caronse abivuga.

Inyuma y’umwanya munini bakubitwa,  abo basirikare bagashobora guca mu vyahumye izo mbonerakure baratabaza bagenzi babo bariko barakizura kw’ibarabara rya mbere ku Musaga, babona kuza gutabara wa mwigisha w’i Ndava yitwa Céléstin aho basanze za ari mukwicwa n’amahiri, bikavugwako ari ikiruruma n’ubu akiriko aravurwa.

Abasirikare bahavuye bafata imbonerakure zirenga cumi murizo bazijana mu gasho ka zone Musaga aho zipfungiwe gushikubu ariko zikaba zaranse kwerekana aho ama terefone, impuzu n’amafaranga y’abo basirikare n’uwo mwigisha vyaroye.

Tubamenyesheko Imbonerakure zisanzwe zikizura mw’ijoro hagati mu ma karitiye zitwa « Comité mixte de Sécurité » zigahembwa amafaranga atozwa mu Gisagara ca Bujumbura ; abayatanga bakabwigwako ari ayo kuyora imicafu aho batanga hagati y’ibihumbi bitanu na cumi n’abitanu (F5000 -F15000) ku kwezi ku kwezi bivanye n’abaribo n’ivyo bakora.