#Burundi: Hari abafumbije umwavu w’ikizungu uhingurwa na FOMI bazotaha zirayoye.

Uyu mwaka w’uburimyi w’agatasi ka 2019, hari abakoresheje ifumbire ry’ikizungu ryakorewe mu Burundi mw’ihinguriro FOMI bamaze kwihebura babonye uko imirima yabo isa.

Mugihe reta y’uburundi yemereye ihinguriro FOMI gutanga umwavu w’ikizungu (ifumbire) mu gihugu cose atageragezwa rikwiyeribaye, hari abarimyi bamaze kwihebura ko atamwimbu bazoronka kubera bitameze.

Ifoto y’umurima wafumbijwe umwavu wa FOMI

Icabatangaje abahereranije imirima, uwakoresheje umwavu w’umuhitira niwe azoronka umwimbu kurusha abakoresheje umwavu wa FOMI bakibaza ko iryo hinguriro ryoba ryarabasondetse canke ritigishije bihagije uko uwo mwavu ukoreshwa bagasaba ko reta yokwiga ico kibazo.

Hagati aho hari abatari bake bidogako batanze amafaranga ngo baronswe umwavu wa FOMI ariko gushika ubu batarawuronswa. Bikabonekako reta ibifisemwo uruhara umuntu afatiye kuguhimiriza abanyagihugu yashizemwo inguvu.

Itangazo ryahamagarira abatarishe amafaranga muri #FOMI kuriha imbere yuko baronswa ifumbire.