Burundi : Ingingo zikomeye zo gukinga CORONAVIRUS

Mu gihe atamuntu n’umwe aratangazwa kumugaragaro ko yafashwe n’ikiza ca CORONAVIRUS mu Burundi,bivugwa ko hashobora gusohoka ingingo zikomeye zo gukinga ico kiza mumasaha adashika 48 arimbere.

Amakuru dukesha imbuga ngurukana bumenyi za facebook na Whatsapp, hari abariko barandika bamenyeshako abategetsi bashobora gufata ingingo isaba abarundi bose kuguma mumihira. Igashobora gusohoka mu masaha 48, kugira bakinge ko ikiza ca CORONAVIRUS cokwiragira mu gihugu. Mur’ico gihe abatasumye vyinshi bika vyoca bibagora.

Bikanugwanugwako hamaze gupfa umuntu yabonetseko ibimenyetso vya CORONAVIRUS (COVOD19) i Bujumbura ariko abaganga bakaba batashoboye kuyipima naho umuryango w’umuhisi woba warabisavye ushimitse.

Ni mugihe kandi, n’agashavu kenshi, ubuyobozi bw’ibitaro KIRA HOSPITAL bwanditse itangazo bumenyeshako atarivyo bijejwe kwakira abiketswe ko bafise ibimenyetso vya CORONAVIRUS, buca butanga inumero ngo abantu bohamagarako babonye uwoba afise ibimenyetso ca CORONAVIRUS, inumero abatari bake babona ko ziteye amakenga; Bamwe bapfuzako hokoreshwa numéro zigizwe n’ibiharuro bike, zoroshe gufata kumutwe kandi bakamenyeshwa n’abazitaba abaribo n’aho baherereye kugira bizereko umutekano wabo uzoba ukingiwe.

Tubamenyesheko umushikiranganji canke umutegetsi wese bivanye n’aho akora asohora ingingo zo kwirinda CORONAVIRUS, ibiheza bikajuragiza abanyagihigu mugihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yaheruka gusaba reta ko yoshinga umugwi wo kugwanya ico kiza woba ugizwe na reta hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’amagara y’abantu, ugatwarirwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Tubamenyesheko ico kiza ca CORONAVIRUS catanguriye mugihugu c’ubushinwa muri Kigarama 2019, kikaba kimaze guhitana abantu barenga 11000, abarenga 200000 bakaba bamaze kwandura, igihugu c’ubu tariyano mur’ino misu kikaba arico gisinzikaye cane;

Hapfa abarenga 600 ku munsi mur’iyi munsi. Mu Bushinwa bikavugwako cagabanutse naho atamuti urashirwa ahabona canke urukingo vy’ico kiza. Ibihugu bibanyi vy’uburundi bikaba vyarafashwe vyose kandi ingingo zikomeye zikaba zimaze gufatwa zo kugwanya ico kiza. Uburundi akaba arico gihugu cari gisigaye inyuma mugufata ingingo zikomeye aho ibibuga vy’inkino, amaduka, amasoko, amasengero n’amakoraniro ya politike bicemewe gushika ubu.

Zimwe mu ngingo zasohotse: