Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Myandagaro 2020 umurwi wo mubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi ujejwe gukwirakwiza abanyeshure batoye ikibazo ca reta co mumwaka w’igenda wasohoye indonde zerekana amashure bazobandanirizako uca ugirako utanga ikiringo c’imisi itatu kubatazoba bashimishijwe n’aho barungitswe yo gusaba ahandi.
Uwo murwi wamenyesheje kur’uyu w’Imana ko intonde zimanitswe kuri ESTA mugisagara ca Bujumbura hamwe no kumabiro vy’abayobozi b’indero muntara zose. Ikiringo c’imisi itatu yonyene(Kuva kuwa 31 myandagaro gushika kuwa 2 nyakanga 2020) ikaba ariyo yatanzwe n’uwo murwi kugira abanyeshure batashimishijwe n’amashure bahawe bazobe basavye ayandi mashure bipfuza.
Tubamenyeshejo uwo murwi wanditse itangazo kumusi w’Imana kandi abakozi ba reta basanzwe bari mukaruhuko k’impera y’indwi (Week-end) ar’uko ijinyamakuru c’abigisha “la voix de l’enseignant” cari gihejeje kwerekana amakenga gifise kw’itangura ry’abanyeshure ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 7 nyakanga 2020 kandi abayobozi benshi bataritegura ndetse n’abavyeyi bataragura ibikoresho.