Burundi: Ingurube zo mw’ibohero ryo mu Rumonge zaratewe iteka n’umukuru w’igihugu kurusha benezo.

Mugihe kubona umukuru w’igihugu amaso mu yandi, abanyagihugu benshi babifata nko guterwa iteka ridasanzwe, kw’igenekerezo rya 27 myandagaro 2020, ingurube zorowe n’abanyororo bo mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Rumonge mu Kigwena, zaragendewe n’ umukuru w’igihugu Gen Maj Évariste Ndayishimiye ariko benezo ntibaterwa iryo teka.

Nk’uko amakuru ikinyamauru Itara Burundi gikura mw’ibohero rikuru rya Rumonge abivuga, abanyororo bumviseko umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye aza kugendera iryo bohero, inyuma yo gushikiriza Buramatari Mushasha w’intara ya Rumonge, Consolateur Nitunga, baciye batangura kwirya akara ko atabura n’amajana angahe agenda ahaye ikigongwe, narirya hapfungiwe umurengera, hari n’abahejeje umunyoro, ubukene bw’imfungurwa n’izindi ngorane bari kumutura ariko akaba atashoboye kubatera iteka yateye ingurube boroye.

Twobamenyeshako mungendo umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye amaze imisi agira mu ntara zitandukanye, atarico co kugendera ingurube ntarabe abazoroye kimaze kunegurwa n’abanyagihugu gusa: Hari kwugurura amazu arenza imyaka itanu akora, kugendera amashirahamwe yegukira umugambwe arongoye bimaze kunegurwa, aho ico canyuma bakinegura bavugako yategerezwa kuba umukuru w’igihugu cose, imigambwe n’amadini yose adahengamiye kumugambwe wamutanze ngo atorwe kugira ntihabe kwitiranya ibikorwa akora mu gihugu ka bukuru bw’umugambwe n’ivy’igihugu.