Burundi: Ishirahamwe FORSC ryasohoye rapport y’ukwezi kwa cumi na rimwe 2018 yerekeye agateka ka zina muntu

Forsc ni ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ryama risohora ama rapporo atandukanye.

Muri rapport ryasohoye uno musi wa mbere igenekerezo rya 16 z’ukwezi kw’icumi na rimwe 2018 ryerekanye uburorero burenga mirongo itatu na kamwe bw’ivyaha vyakorewe abanyagihugu ndetse n’abarenga mirongo itandatu bafashwe bidakurikije amategeko, abanyurujwe, abakubaguwe n’ibindi. 

Iryo shirahamwe rirahagaritswe umutima n’imyiyerekano y’urutavanako hamwe n’inyigisho zicanishamwo abanyagihugu ziguma zitangwa igihugu cose. 

Muriyo rapport  FORSC iratewe impungenge  n’igitigiri c’abanyeshure baguma baheba amashure kidasiba kwiyongera hamwe n’ubukene buguma bwugariza abanyagihugu bimwe biteye ubwoba. 

Fyonda ngaha ubike iyo raporo mumashine canke muri terefone yawe uyisome mururimi rw’igifaransa