Burundi : Iterabwoba rijanye n’umunsi mpuzamakungu w’akazi n’abakozi uzohimbazwa kur’uyu wa 1 Rusama 2021

Umunsi mpuzamakungu wahariwe akazi n’abakozi utegekanijwe ejo kuwa gatandatu igenekerezo rya 1 Rusama 2021 uzohimbazwa uko vyama kur’iyo sango. Uwejo ukaba uhagaritse imitima abakozi ba reta batari bake: Hariko hakorwa intonde z’abatari bwaronke amafaranga yo kugura ibitenge vyo gusoneshamwo umwambaro kandi ubwoba bukaba ari bwinshi kubazokwitaba ivyo birori b’i Bujumbura.

Umuyobozi wa Lycée Regina Pacis yo ku Mushasha mu ntara ya Gitega yaranditse urutonde rw’abigisha 18 batari bwaronke amafaranga yo kuriha ibitenge bazokwambara mu birori vyo guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi w’ejo igenekerezo rya 1 Rusama 2021, ababibonye bakaba bafise ubwoba ko vyoba vyarabaye n’ahandi kubera yanditsemwo n’amanumero ndangamukozi(matricules) bakicurako bizobagirako ingaruka mbi.

Urutonde rw’abigisha batari bwaronke amafaranga yo kugura ibitenge batazi iyo ruzoshika n’ico ruzokoreshwa.

S’aho gusa i Gitega hari ubwoba; mugihe udusakoshi two muntoke bisanzwe bizwi ko abapfasoni n’abigeme badashobora kuvana, aho kugenda batagafise atari vyiza kubera babikamwo ibikoresho bakenera umwanya n’umwanya: Ivyo bokwifashisha mugihe bafashwe n’ubutinyanka bari kunzira mugihe, ivyo bokwihunguza bagize ivyuya, abadutwaramwo imitaka yo kwifuka iyo imvura iguye kugira imishatsi yabo ntiyononerakare abandi bagashiramwo imishwara yo kwimyira mugihe bafise ibicurane narirya impuzu zabo atari kenshi zifita imifuko, Jimmy Hatungimana arongoye igisagara ca Bujumbura akaba yamenyeshejeko kwitaba ivyo birori vyejo bizobera kuri stade Intwari atawuzokwemerwa kwinjirana agasakoshe ko muntoke ndetse n’aho bivunira umusase kizira kukinjiranayo. Yabukije kwingirana amaterefone kandiko kwambara umwambaro ubaranga.

Itangazo ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Nk’uko amakuru ashikira Ikinyamakuru Itara Burundi abivuga hari abakozi ba reta benshi bahawe itegeko ryo kugura no gusonesha ibitenge bihingurirwa mw’ishirahamwe ry’abigenga AFRITEXTILE ryasubiriye ishiramwe rya reta COTEBU ryahomvye. Harimwo n’ataraheza gusonesha uwo uwambaro bazokwambara, atanikonji ryo kuwusonesha bahawe vyongeye abayobozi babo bakaba boba bafise amafaranga baronka k’umukozi wese aguze igitenge. Hagatangwa akarorero k’umuyobozi w’indero muntara ya Gitega yoba yandikiwe amafaranga ibihumbi bitatu (3000FBu) kugitenge kiguzwe n’umukozi atwara aho bakigura 21 000Fbu kandi mw’isoko kigurwa 18000FBu. Bikavugwako mubiro iwe yarafise ibitenge bitari munsi ya 2000.

Uwo munsi mukuru witezwe ejo ukaba usanze imyidogo mubakozi yabaye umurengera haba muri reta canke mubikorera utwabo aho bavugako imishahara baronswa kukwezi itagishobora kubatunga n’imiryango wabo ukwezi kwose, bagategekwa kwigurira ibitenge kandi amafaranga atinjira no muri reta basi ngo azobagarukeko. Hari n’abakozi ba reta batacambara umwambaro w’akazi kubera ubukene burangwa mumashirahamwe yabo ariko ejo ngo bakazoserukirwa n’abambaye umwambaro usa.