Burundi : Umukuru w’igihugu agiye guhigura n’abakozi n’abakoresha bakora nabi, isomere!

Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Rusama 2021 niho hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yawuhimbarije mu ntara ya Cibitoke kukibuga c’umupira citiriwe urunani, icegera c’iwe awuhimbariza muntara ya Makamba, umushikiranganji wa mbere nawe awuhimbariza kukibuga c’umupira c’itiriwe Intwari mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’urunani rw’amasendika COSYBU ariwe Céléstin Nsavyimana mushobora kwumviriza ngaha yashikiriza ibibazo abakozi bafise:

Céléstin Nsavyimana ari mu ntara ya Cibitoke kur’uyu wa 1 Rusama 2021.
amajwi tuyakesha RTNB hamwe n’ifoto twakoresheje.

Eka ndetse n’uwaserukiye abakoresha nawene akaba yashijirije ingorane bahura nazo aho yavuzeko hari abakozi ba reta bashinga amashirahamwe y’ubudandaji kugira bahiganirwe amasoko ya reta n’abadandaza, ugasanga abadandaza babikora nk’umwuga ntibagitsindira amasoko kubere abo bahiganwa baca bakoresha igihagararo bafise mukwiha ayo masoko.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yaciye yishura kur’ico kibazo nawe amaze gufata ijambo aho yavuzeko ivyo bitazosubira gutera ingorane. Akavugako nko mubwubatsi atawuzosubura kuja guhiganirwa amasoko ya reta kandi hari ikigo OBUHA kijejwe ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa n’ibiraro. Akaba yavuzeko uwuzoshaka guhiganirwa isoko ryareta mur’ico gisata azosaba kwubaka uburaro hanyuma abakozi ba reta bakishura buhorobuhoro .

Ijambo « Databuja » yasavyeko ritosubira kuvugwa kuko ngo abakozi si abaja. Yarahiye ararengwa ko atazoja gusega imfashanyo hanze kubera uburundi butunze nawe gusenga bimugora, ariko ngo ico ashobora kuzokora ni kurondera abanyamitahe bazana imitahe mu Burundi, akavugako imfashanyo aba ari amafaranga y’abanyagihugu bo hanze rero ko atoja kubagora kandi abarundi dufise amaboko yo gukora n’isi itunze.

Yasavye abanyagihugu bose gukora uko bashoboye bakagwiza umwimbu kandiko bokora amasaha menshi ashoboka batisunze kuraba amasaha umunani aho avugako ivy’amasaha munani y’akazi, amasaha munani yo kuryama n’amasaha umunani yo kwinezereza yasabwa n’abakozi igihe hashingwa uwa mbere rusama ko bobo bari bamaze gutera imbere, abarundi tutarahashika.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemeko agiye gukurikirana ikibazo c’abakozi birukanywe hadakurikije amategeko muri kaminuza y’uburundi, mw’ishirahamwe PSG, Vigiles Burundais nahandi ariko akaba yamenyeshejeko umukozi kuba ari muri syndika bitamuha ububasha bwo kurenga kumategeko.

Tubamenyesheko umukuru w’igihugu yatanze ubushimwe kubakozi bakoze neza gurusha abandi eka n’abakoze nabi akaba yari yabashimiye aho uno musi nyene ryabaye imbonekarimwe aho umushikiraganji yirukanwa mu kazi, uwo nawe aka ari umushingamateka Immaculée Ndabaneze yahora arongoye ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro no kwakira ingenzi. Akaba yirukanywe ahowe gushaka gucafuza isura ry’igihugu mubikorwa vyiwe nk’uko itegeko rimukura ryabivuga.