Burundi : Ibanki nkuru y’igihugu yatumyeko inama yihuta kubakora akazi ka Lumicash na Ecokash

Ejo twari twababwiyeko abakora akazi ko guhanahana amafaranga bakoresheje Lumicash na Ecokash bita aba Super-Agents bari bamenyeshejeko guhera kuruyu wa 12 nzero 2021 bahagarika akazi, ibanki nkuru ya republika y’uburundi yaciye itumako inama yihuta yabo hamwe n’aba agents.

Nkuko biboneka mw’ikete ry’ubutumire BRB yashizeko umukono, iyo nama izoba ejo kuwa 13 nzero 2022  kucicaro gikuru wa BRB i Bujumbura mu kibanza c’amanama guhera isaha zibiri zo mugitondo (8 h30′) ikazoyihuza n’abakora akazi ko gufasha guhanahana amafaranga hakoreshejwe Lumicash na Ecokash, abo nabo bakaba bari bamaze imisi bidogako bakaswe amafaranga bahora baronswa y’inyungu ndetse mw’itangazo bari bashize ahabona bakaba baragiriza BRB na ARCT ko vyari vyarabimye inama kugira bashikirize ibibazo bafise.

Tubamenyeshejo ishirahamwe Lumitel ryari riherutse kwandika bushasha abakora ako kazi aho basabwa ivyangombwa vyo kudandaza: Nimero ndangamudandaza NIF n’urupapuro rwerekanako banditswe muri sentare y’ubudandaji, RC ndetse hakaba harabayemwo n’iyindi myidogo munyumako mumasezerano basinye yar’ay’umwaka mugihe NIF na RC basabwa vyovyo bitagira ikiringo.