Kur’uyu wa 26 myandagaro 2020, International University of Equator, kaminuza iri mu gisagara ca Bujumbura kuva 2015, yahagaritswe ikiringo c’amezi atatu n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi kugira yisubireko kudukosa twagiye turaranga bene imitahe.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akavugako iyo Kaminuza iri mu Ngagara mu gisagara ca Bujumbura yashinzwe n’abarundi hamwe n’aba Kenya, ikaba ifise abanyeshure barenga 1000 ikigisha kumurango no kumugoroba ibijanye n’ubuhinga bwa none hamwe no kwitunganiriza imigambi (Entrepreneuriat), umunyeshure wese akaba ariha amafaranga y’amarundi umuriyoni n’ibihumbi amajana abiri (1200 000FBu) kumwaka.
Amakosa nyamukuru yoba yatumye iyo kaminuza ifatirwa ingingo, harimwo ukutumvikana kw’abanya mitahe biyo kaminuza, gukoresha abakozi ntibahembe neza kur’ugero iyo kaminuza iriko hamwe no gukoresha abanyamahanga badafise ivyangombwa bisuzumwe neza.
Amakuru dukura mubegereye iyo kaminuza akamenyeshako amanama yatanguye kugira batunganye bushasha itunganywa ryayo kuburyo bishoboka ko n’imbere y’amezi atatu bosaba gusaba ubushikiranganji bukabakurako ico gihano ariko bidakunze hagashobora kufatwa izindi ngingo.
Tubamenyesheko mu burundi hari amashure ya kaminuza 46 gusa mugihe kumwaka kumwaka abanyeshure ibihumbi amajana baheza amashure yisumbuye bipfuza kuja muri za kaminuza.