Burundi : «Mureke kumuca amande mudasigura, ejo yobazanira akarambaraye… »

Munama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca yagirishije abarongoye intara, amakomine n’abakozi bakuru bakuru batandukanye  k’uruyu wa gatanu igenekerezero rya 18 ntwarante 2022, yaragabishije abajejwe intwaro baca amande y’umurengera abanyagihugu, ababwirako ashobora kubakwegera batabihagaritse.

Nk’uko tubisanga kur’ubuga  rw’iradiyo na televiziyo Isanganiro, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi yabwiye inzego yari yakoranije kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 ntwarante 2022 ati :

“Arya mande  yose atemewe n’amategeko muyahagarike. Udafise “Réference” y’itegeko tuma mumwugarira, mugabo mureke kumuca amande mudasigura, ejo yobazanira akarambaraye mugasanga mwakoze “une infraction pénale” Twabikuye

Tubamenyesheko hari abamaze gucibwa amande ari hagati y’ibihumbi amajana abiri n’imiriyoni zibiri kandi bakoze amakosa amwe ariko akaba atawuziko reta izohava iyabasubiza aho imenyeyeko baciriwe amande atemewe n’amateeko. Ikindi n’uko atawuziko mugihe abajejwe intwaro bugariye abanyagihugu ariho hazoba hakurikijwe amategeko.