Burundi : Amatongo atarimwa yose agiye kushirwa muminwe ya reta

Inyuma y’ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye  ashikirije ko  atawokwitwarira reta, akanavugako amatongo arimwo ishinge atarimwa reta izoyaha abayarima babishoboye, buramatari w’intara ya Bururi yanditse itangazo yise itegeko amenyeshako amatongo atarimye yose asubizwa muminwe ya leta inyuma y’isuzumwa rizoba kw’igenekerezo rya 1/6/2022 aho anasabako ibiti vy’imikaratusi vyose vyoba vyasubirijwe ibitanywa amazi menshi.

Hamaze imisi hazunguruka ireresi y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ivugako umuntu yitwariye reta aba yibeshe, anavugamwo ko inyovu zirimwo ishinge(Ivyatsi biba cane cane muntara ya Bururi, Gitega, mwaro na Bujumbura rural ) atarimwe azoshirwa mu minwe ya leta. Buramatari w’intara ya Bururi akaba yasohoye itangazo ritegeka abanyagihugu kurandura imikaratusi n’inshinge bagatera ibiterwa vy’imbuka.

“Bisabweko uwutazokwubahiriza iri tegeko itongo ryiwe rizoca risubizwa muminwe ya leta bace bariha abashoboye kuritunganya neza musabwe kandi gukuraho ibiti vy’imikaratusi vyose mukabisubiriza n’ibindi bitanywa amazi menshi, abajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara basabwe kwitunganya muri iki gikorwa” Bimwe muvyo dusanga mw’itangazo Réf N° 531.03/72/2022 ryasinyweko na Col. Bandenzamaso Léonidas buramatari w’intara ya Bururi (ntatarike yashizeko).

Tubibutseko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atarashingwa ayo mbanga nahore yarigeze kuvugako amatongo yo mumugamba ari ayabanyagihugu bose bashatse boyakoresha ico bashatse.  Ariko ivyo kurandura ibiti vy’imikaratusi akaba navyone atari iryambere bikozwe, mwibike inkuru twigeze kwandikako.

Ivyo bir’uko mugihe kuronka ifumbire itangwa n’ishirahamwe FOMI vyabaye akananira bahinga mur’iyo ntara kandi inka zahora zibaha amase abenshi bazigirishije kugutinya amande bocibwa na reka izifatiye mumatongo. Ikindi hasanzwe har’isi igumye cane nisaba kurimishwa imashine  hakiyongerako iyo ngingo ije mugihe hasigaye umwanya muto ngo imvura icike.