Burundi: « Nimuyindase basi musigare muravyonona nagiye » Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Mu kiganiro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagirishije abarongoye ubutungane mu Burundi kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 24 myandagaro 2021, yasavyeko bomwica kugira basigare barakora ivyo bashaka atakihari. Yaratatse aratakamba asabako abacamanza batosubira gukwegera uburundi muntambara yokwaduka itewe n’abanyagihugu boshobora gufata ibigwanisho ngo bironderere ubutungane babuze.

Bimwe muvyo umukuru w’igihugu yavuze kur’uyu wa 24 Myandagaro 2021.

« Shaka abe ufise amamiriyaridi angana gute mu mufuko, shaka ube utunze ngwiki , uzotembagara ute uhunge, vyose bigupfeko ubusa….nimba mubona hari abantu birirwa bararira hanyuma tugahora ntimwibaze ngo ni ubusalama….kubona abarundi bantora nkasanga mumakomine yose ntakomine nimwe udasangamwo n’imiburiburi abantu mirongo itanu bariko bararira!….ico gihugu usanga umunyagihugu ariko ararira, umutware akarira, umukuru w’igihugu akarira, ico gihugu citwa gute ? … »

Bimwe muvyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze mugihe yariko aremesha ikiganiro kubarongoye ubutungane mu Burundi.

Umukuru w’igihugu aribaza nimba abarundi twohamagara Imana ngo ibe mu Burundi hayuma tugaheza tugahamagara na shetani ngo bibaneho bikamusiga.

Yabandanije agira ati:

« Imanza ibihumbi amajana abiri naa, ibihumbi amajana abiri na mirongo zagashiye mumabanki, zabagashiyeko muri hehe ? urumva, murumva ibihumbi amajana bashatse bokwicana ? Mwumva harimwo ibatayo zingahe ? Fata umuvyeyi ahitanane n’abana biwe baje kugwana kugira ubutungane bwabo butungane , umuvyeyi wese n’abana biwe batonde, mwumva ari abarundi banganiki bagira bicane ?… »

Umukuru w’igihugu aratanganzwa n’ingene imanza zacitse aho gushirwa mungiro aza yumva zasubiriye kuvuka haheza imyaka ibiri razacitse akagira ati nihamwe bavugako « Urubanza rwama rukukira uwiganje ».

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aratanganzwa n’ukuntu abacamanza bashobora kwiba imiriyaridi zokwubatse inyubako za reta.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyeshejeko amarira abanyagihu barira yamushikiriye none yahisemwe kuza kuririra imbere y’abarongoye ubutungane kubera imiriyoni cumi na zibiri zitoshobora kuronka ikibuga zikwigwako, avugako kumunsi yakira ibirego birenga igihumbi vy’ababa barenganijwe kandi asanga bifise bifashe.

« Abanyamahanga bafise imitahe yabo ntibakiza mu Burundi, muca muja inama yo kurya amahera yabo, ntawe baburana. Muja inama ngo  nazane arya mahera duce turaba uko tuyamuzuruma, ntazoronka aho aburana. Mukabija inama neeza , ntamunyamahanga akizana imitahe mu Burundi, mugabo mushaka iterambere. Bose barahevye kuza. Ariko muri mumanama, mukavuga ngo murabona rero, nimuze murabwira abanyamahanga bazane imitahe yabo mu Burundi. Kandi muca muyabib ? Ahantu hatagira ubutungane hoza umunyamahanga gute kuzana umutahe wiwe ? Yibwa ntihagire uwumuburanira ? Umurundi asigaye yanka, emwe kugira akore  projet ntiyemera  avuga ati ndaziko baca bayinyiba kandi ntawuntunganiriza, none ndabihevye . None ico gihugu kizotera imbere gute ?....ahatagira ubutungane nta terambere ripfa ribayeho. Nta mahoro, nta terambere…Abirirwa baricira imanza bangana iki? None nkubu barya bantu birirwa barica abantu kukwihora, nibo bazoja mumuriro canke nimwebwe muzoja mumuriro? Umuntu yishe umuntu kubera yabuze ubutungane niwe azoja mumuriro canke nimwebwe muzoja mumuriro?”

Uko yabandanije avuga.

Umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC akaba yarigeze kurongora sendika y’abashingwamanza ntiyatevye kugira ico ashikirije: yavuzeko abacamanza benshi baronse akazi aruko barinze gutanga igiturire canke agahabwa n’umugambwe.

Akavugako abacamanza baronka akazi barinze gutanga ibiturire kuko mumafaranga 265000 ahembwa ahubwo aca ayakura kubanyagihugu. Kurikirana ivyo yashikirije ngaha.

Tubamenyesheko inyidogo ari myinshi mubanyagihugu na cane cane mubuhumbi vy’abapfunzwe canke imiryango y’abapfunzwe bama basavye kurenganurwa ariko amaso akaba yaraheze munzira.