Burundi : Abakozi ba reta nka bose bagiye kwirukanwa mu kazi

Burundi, amakuru

Mw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije abarongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD i Ngozi ahari hatunganijwe ikoraniro kaminuza zidasanzwe ry’uwo mugambwe mumpera z’iyi ndwi iheze, yavuzeko reta igiye kuza irasuzuma abakozi bakora nabi, abazoronka amanota mabi imyaka itatu ikurikirana bakazokwirukanwa mukazi.

Ivyo bir’uko mugihe kuva mumwaka wa 2015, abakozi ba reta batakibona akarusho k’amanota aronswa abakoze neza, naho yoba meza cane. Nkako ivyo kuduzwa mumagarade kubakozi ba reta ukuyemwo abasoda, abapolisi n’abacamanza baherutse kuduzwa, kwongerwa imishahara canke kuronswa uburusho ubwaribwo bwose bujanye n’amanota baba baronse vyahagaze.

Iyo ngingo yo kwirukana abatazoba baronkejwe amanota meza igashobora kutazokwumvikanwako na bose mugihe atabushirukabute buzoba bwarategekanijwe kubakora neza canke ngo basubire kuronswa ukwezi kwa cumi na gatatu nk’abakozi baba bakoze neza.

Kwirukana abakozi baronse amanota mabi naho boba bakora neza

Mwomenyako kuronka umukozi wa reta adafise amadeni ari ikintu kitoroshe, abenshi mubatoba bafise amadeni mubakozi ba reta ni abagerageje kwiyungunganya kugira bashobore gutunga imiryango yabo, « imigere ibiri ntitereka », kuronka amanota meza ukorana akazi ka reta n’akawe vyovana n’akazi akariko.

Abakozi ba reta benshi, tureke kuvuga bose bashobora kutazoronka amanota meza muvyo bakorera reta, imvo z’uko baba bariko barisumamwo tuzishize kuruhande, ugutanga amanota bishobora guzofatira ku ngorane uburundi busanganywe zo kutihanganiranira murya politike canke hagakoreshwa akamwana wa mama nk’uko bivugwa mugutanga akazi ka reta mur’ino misi narirya uwuzokwirukanwa bizoba bisabwako aca asubirizwa. Mugaca mwumvako hashobora abarongoye abandi mubuzi bashobora kuzoronderera ibibanza ababo bikitwako abakozi bazoba aribo bakoze nabi mu kwirukanwa.

Reta ikwiye kwitondera iyo ngingo ahubwo igashimira abakozi bakora neza kurusha abandi, hakaba amahiganwa gurtyo uwo binaniye gukora neza naho yokurwa ntazoronke urwitwazo.