Burundi : Hadutse umuriro mw’ibohero rikuru rya Gitega

Burundi

Muri kino gitondo co kuwa gatandatu igenekerezo rya 21 myandagaro 2021, hazindutse haka umuriro mw’ibohero rikuru rya Gitega bivugwako wavuye kumuyangankuba wadombotswe, Imana ikaba yakinze ntihagira umuntu ahasiga ubuzima.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura mubegereye ibohero rikuru rya Gitega abivuga, uwo muriro wadutse igihe c’isaha zitatu zo mugitongo mw’ihangare ya gatatu, bikavugwako idombokwa ry’umuyagankuba ariryo ryabanye intandaro yawo, ukaba wahitanye ibintu gusa, nta muntu yahasize ubuzima.

Buramatari, abasoda n’abapolisi bakaba baciye banyaruka gutabara, umuriro ukaba wazimye aruko haje kizimyamwoto.

Abegereye iryo bohero basaba reta ko yoraba uko isubiriza intsinga z’umuyagankuba kuko zirashaje cane kuburyo atagikozwe bokwama biteze n’ayandi masanganya nk’ayo narirya atari ubwambere haduka umuriro nk’uyo mur’iryo bohero bakawuzimya.

Babwiye ikinyamakuru Itara Burundi ko  ivyo basigaye babibona nk’ibisanzwe ahubwo ikibatangaza akaba aruko ibohero ryose ritarasha.