Kur’uyu wa 24 ruheshi 2020, Umushikiranganji wambere n’icegera c’umukuru w’igihugu barahiye imbere y’inama nshingamateka n’imbere y’umukuru w’igihugu ndetse na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.
CPG Allain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wambere, yahora ari umushikiranganji w’umutekano, Ir Prosper Bazombaza, icegera c’umukuru w’igihugu yigeze kuba icegera cambere c’umukuru w’igihugu barahiye kur’uyu wa 24 ruheshi 2020.
Umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yongeye agena CPC Gabriel Nizigama kuba umuyobozi mwishikira mubiro vy’umukuru w’igihugu, uwo nawe akaba yahora mur’ico kibanza nyene no kuntwaro iheze akongera akaba ari mubari bitoje mumugambwe CNDDFDD kugira abe umukuru w’igihugu co kimwe c’umukuru w’inamashingamateka Pascal Nyabenda ariko ntibatorwa.
Abatari bake bakababona ko reta ya Évariste Ndayishimiye yoba yapanzwe kuva kera kandi isa n’iyiteguriye intambara baravye ukuntu abo bakuru bane bambere bamaze kuboneka 3/4 ari abahoze mw’ishamba muri FDD imbere yo kuja mugisoda n’igipolisi kandi ari ubwoko bumwe bw’abahutu.
Ni mugihe mur’abo kandi atanumwe yavuye mumugambwe CNL uvugako watsinze amatora yo kuwa 20 rusama 2020, ibishobora kutera icuka kibi biteranye na kahise k’uburundi aho intwaramiheto ziroye muri politike vyaba bifise ubutumwa bitanga.