Burundi: Nta karata y’umwuga wo kumenyesha amakuru igifise agaciro

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umukuru w’urwego rujejwe kugenzura amakuru n’ibimenyeshamakuru CNC mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 nyakanya 2022, amakarata aranga abamenyeshamakuru yarahagaritswe kugira hakorwe ayandi azotangura gukoreshwa kw’igenekerezo rya 1 kigarama 2022.

Uwo mutegetsi akamenyako iyo karata nshasha izoba ikingiwe kuburyo itazoba ishobora kwiganwa.

(18) Conseil National de la Communication du Burundi sur Twitter : « La nouvelle carte sera opérationnelle dès le 1/12/2022. Les responsables des médias devront entre autres documents exigés, présenter une copie d’un contrat de travail signé entre l’employeur et le journaliste bénéficiaire de la future carte de presse pour les médias privés… https://t.co/fW3o395pJX » / Twitter

Ikinyamakuru Itara Burundi twaronse amakuru avugako iyo karata izoba igurwa ibihumbi cumi nabitanu(15000FBu) hanyuma ikazomara imyaka itanu mugihe iyahahora yahora imara imyaka ibiri gusa ikagurwa amafaranga ibihumbi bitanu(5000FBu) kandi ishirahamwe ryahora rizikora rikaba ryoba ryarigenjenje nabi ryongera riduza igiciro kandi ubuzima bw’abamenyeshamakuru bwobwo atacahinditse.

Ntituramenyako CNC yoba yarategekanije uburyo bwo kuzomenya abamenyeshamakuru bukuri mur’ano mazi abiri n’inusu asigaye mukurindirako amakarata mashasha atangura gukoreshwa.