Burundi: « ugiye mu kibira uzoba uri umwansi mu bandi »

Mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mwiza w’imvukira za komine Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2024, umushikiranganji wa mbere w’uburundi Gervais Ndirakobuca yamenyesheje abanya Cibitoke bose bakorera imigambi mu Kibira KO batosubirayo.

Mu majambo yiwe yabatomoreye « ugiye mu kibira uzoba uri umwansi mu bandi ». Yababwiye ko abansi bariyo kandi ko kujayo uba wihevye kuko abajejwe umutekano bakubonyeyo baca bagufata nkabo bakakurasa. Abari mu birori bibajije igituma reta izi ko mu Kibira hariyo abansi(abarwanyi) hanyuma aho kubatuza bakaja gutuza Abo muri Kongo kandi batariko batera uburundi.

Yongeyeko ati abajejwe umutekano bari ngaha babe bavyumvise abari ngaho babwire n’abandi ko uwuzoja mu kibira azofatwa nk’umwansi w’igihugu azoraswa.

Laisser un commentaire