Burundi: Rwasa Agathon yavuye mugacere aho aterewe ubwoba mumuryango

Burundi, amakuru

Haraciye indwi zitatu muramu w’umushingamateka Agathon Rwasa, ahagaritswe n’igipolisi akaja gupfungirwa mw’iperereza. Umushingamateka Rwasa Agathon asanzwe yari yaritoje mukibanza c’umukuru w’igihugu mumwaka wa 2020 yaciye ava mugacerere.

Mur’iyi ndwi iheze umushingamateka Agathon Rwasa yavugiye kuri Radio-Télévision Isanganiro ko abanywanyi barenga 200 ba CNL, umugambwe arongoye bafashwe barapfungwa abarenga cumi baricwa hakaba n’abandi baranyurujwe baburwa irengero kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aroye k’ubutegetsi mukwa gatandatu 2020.
Ivyo akaba yabishikirije inyuma y’indwi zibiri Jean Baptise Mpawenayo, muramuwe, ni ukuvuga umugabo wa mushikiwe, afashwe agapfungigwa ahantu hataramenyekana .
Jean Baptiste Mpawenayo yafashwe kw’igenekerezo rya 16 munyonyo 2021 inyuma yo gusaka umuhana iwe uri mu Ngagara ikaritiye y’icenda. Bikavugwako abapolisi bamusatse babaza amafaranga bagaca barondera impapuro zose zoba zanditseko amafaranga . Ubu akaba yoba apfungiwe mugasho k’iperereza katazwi.