Burundi : Birihuta : Basanze ibicupacupa mw’ifu

Mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga basanze ibicupacupa mw’ifu igaburirwa abanyororo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 05 kigarama 2021.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Muyinga abantu babiri baba ahatandukanye mur’iryo bohero basanze ibicupacupa  bivamwo ikinyobwa da Heineken mw’ifu yabo, bakicurako hari aboba bamaze kurya ubwo burozi.

Abanyororo basaba ko hokorwa amatohoza yihuta kandi n’ifu isigaye igapimwa basuzumeko atavyica vyoba vyasigayemwo.