Burundi : Umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega uhitana abanyororo harimwo abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi

Burundi, amakuru

Hadutse umuriro mw’ibohero rikuru rya Gitega mu gicugu co kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 07 kigarama 2021 nko guhera mumasaha ya sacenda zirenga zo mugicugu. Abanyororo barenga ijana bikavugwako bapfuye harimwo n’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mumwaka wa 2015.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi ava mu ntara ya Gitega amenyeshako hadutse umuriro atawuramenya ico wavuyeko uhitana amazu yarapfungiwemwo abanyororo, benshi bakaba bapfuye abandi barakomereka cane, bakaba bazindukanywe kwa Muganga . Murabo bapfuye haravugwamwo abanyororo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mumwaka wa 2015 bari bahapfungiwe. Bikavugwako hoba hapfuye abanyororo barenga ijana.
Tukiri mu gisata c’ubutangane ngaho nyene i Gitega, twobamenyeshako kuw’Imana igenekerezo rya 05 kigarama 2021 hibwe amadosiye y’ubutungane arenga 1000 muri sentare y’intango ya Gitega hamwe n’igitabu gikuru candikwamwo imanza. Ababikoze bakaba bataramenyekana ariko umunyezamu akaba yaciye ahagarikwa kumvo z’amatohoza.
Amakuru dukura ngaho i Gitega nyene abandanya amenyeshako na sentare nkuru y’intara ya Gitega idacungerewe bikwiye ko ishobora guhura n’ivyahuye na sentare y’intango atagikozwe vuba ngo icungerwe neza.