Mw’ijambo umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yashikirije mukwinjira mumabanga yiwe kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020, yaravuze umugambi wo kwubaka ibitaro mumakomine yose yo mugihugu none hazohindurwa amavuriro(CDS) abe ibitaro(Hôpitaux).
Mugihe umukuru w’igihugu mushasha atarashinga reta yose, mu bushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu hoho bariko bihutira gushira mungiro umugambi Évariste Ndayishimiye yavuze; Umukuru w’igihugu yavuzeko hazokwubakwa ibitaro, umukozi umwe wo mubushikiranganji bw’amagara y’abantu aheruka gusaba abajejwe amagara y’abantu muntara kurungika urutonde rw’amavuriro, imwe kw’ikomine, ashobora guhindurwamwo ibitaro. Co kimwe n’imitumba itagira amavuriro akamenyeshako amakomine arimwo ibitaro atarabwa n’ako kamo yacishije kubuhinga ngurukanabumenyi bwa mail.
Tubamenyesheko ibitaro(Hôpital) bitandukanye cane n’ivuriro(Centre de Santé, CDS) aho kugira habe ibitaro bisabako haba hari abaganga babinonosoye(Docteurs Spécialistes) hamwe n’ibitanda vy’abagwaye vyishi kuburyo hari abavugako hagati y’ivuriro n’ibitaro hari ikigo c’amagara y’abantu bita Clinique hoho hashobora kuba hari abaganga ariko batarinze kunonosora(Docteur Généralistes).
Uwo mugambi wo kwubaka ibitaro mumakomine yose w’igihugu uramutse uroye mungiro uburundi bukaba bwoba bubaye ubwambere mw’isi bugize umugambi nk’uwo mugihe hari abaganga boba barenga 500 bahunze igihugu batarahunguka ndetse n’ahari ibitaro bakaba bacidogako atabikoresho bikwiye bafise.