Burundi : Umuhisi Petero Nkurunziza yoba yarerekwa ? Igice ca mbere

Burundi, Amakuru

Turaherutse kubabwira ko hari igitabu canditswe mumwaka wa 2013 kiri mu biro vy’umukuru w’igihugu canditswemwo ibintu 113 bibangamiye umutekano w’uburundi vyasuzumwe neza mu bigera 222 havuyemwo ibishobora kwaduka. Ubandanije gusoma woguma wokwibazako umuhisi Petero Nkurunziza yoba yarerekwa.

Muvyo ikinyamakuru Itara Burundi gisanga mur’ico gitabu, harimwo ibibangamiye umutekano w’igihugu bifatiye kumvo za politike nko gutwara nabi, ukurenga amategeko, ukudakunda igihugu, ibihugu bifise intumbero z’ukwiyagurira imbihe hamwe n’ubukozi w’ikibi. Ivyo bigeramira umutekano bitera ingorane z’urukwegane zasiguwe uku gukurikira ;

« Intwaro mbi ifadikanije n’ubukene, bikwega umudurumbanyo mu mibano, muri poritike, ku butunzi no ku bidukikije…Ukudahana ivyaha ni inkomoko y’ukwimonogoza mu guhonyanga agateka ka zina muntu…Akageso ko gushaka gukwegera inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi mu vya poritike, ukunyuruza ubutunzi bw’igihugu, ukujuragiza urwaruka, uguhungabanya inzego z’igihugu hamwe n’ukwanka ibihinduka muri rusangi…. Amatati yerekeye imbibe, ugushaka kwihagira amazi y’inzuzi n’ibiyaga, n’ingaruka mbi zo gucukura mu kajagari ubutunzi bugizwe n’ubutare muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, no kubudandaza hadakurikijwe amategeko…..Urudandazwa rw’ibiyayuramutwe, urudandazwa rw’abantu, ibitero vy’iterabwoba, hamwe n’ivyaha n’ayandi mabi akorwa ku rwego mpuzamakungu yateguwe. »   Tubisoma kumpapuro za 14,15 na 16 zo mur’ico gitabu.

Ubutaha tuzobashikiriza ibibangamiye umutekano w’igihugu bifatiye kumvo z’ubutunzi dusanga mur’ico gitabu. Bandanya mukurikirana amakuru aca kur’ubuga www.itaraburundi.com