Burundi : Ntawugisinyisha urupapuro muri komine adatanze igiturire

Abajejwe intwaro mumakomine yo mugisagara ca Bujumbura baragirizwa n’abanyagihugu ko baka ibiturire bakoresheje urwenge : Batuma imbonerakure n’abagenzi babo kubegeraniriza amafaranga y’ibiturire nabo ntibaboneke hanyuma uwubishikiriye atamenye aho abandi baca bakamutuma amananiza, ivyabo nibikorwe ningoga.

« Udafise umuntu utuma gusinyisha urupapuro ukeneye muri komine, ukaba utazinanye n’imbonerakure canke uwundi agushikira kuwurusinyako, emwe wotonda n’indwi igahera. Ariko wamenye ah’uca, urupapuro usinyisha urusaba mugitondo kumugoroba ukaruronka canke ukagenda urutahanye. »

Isoko y’amakuru yacu

Akarorero twaronse ni nk’uwukeneye ikarata karangamuntu igurwa amafarabfa amajana atanu (500F)uwuyikeneye atamenye ah’aca ngo atange igiturire c’ibihumbi bitanu(5000F), ashobora kumara indwi yose canke zibiri atarayironka kuko muri komine bamusaba ibindi bintu gurtyo akaba ariko atakaza umwanya.

Igiturire caramaze kuba umugenzi w’abasitanteri n’abajejwe ibiro vya Etat Civil congera kiba umurima imbonerakure zisoromamwo narirya kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi muri ruheshi 2020 amarobine zavomamwo amafaranga nko gutoza amafanga vyitwako ar’ayo kuyora imicafu vyaciye bihagaraga.