Burundi : Isoko mu yindi mu Ruvumera

Burundi, actualité,

Abadandariza mw’isoko yo muri zone Buyenzi, igisagara ca Bujumbura aho bita mu Ruvumera baridoga ko hari akajagari gaterwa n’abavandereza impuzu, ibirato n’ibindi bahagarikiwe na Léonidas Minani, komiseri w’isoko bigatuma abafise ibibanza bahomba.

« Abavanderi bavanze abakomisiyoneri usanga bariko baranyuragiranwa hirya no hino, bategerera abaguzi mu miryango, bigatuma abaguzi batigera bamenyako imbere mw’isoko canke hejuru muri étage hoba hariyo ibidandazwa nk’ivyo. Twebwe dufise ibibanza turahahombera cane kandi dutanga amafaranga muri Mairie no muri OBR » Umwe mu badandaza bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi. 

Turetse abo badandaza badandaza bimwe n’abavanderi bidoga, hari n’abidoga kubona bariha ibibanza bakoreremwo hanyuma abaguzi bakabura aho bahagarara kubera uruja n’uruza rw’abadandaza batagira ibibanza, rimwe na rimwe bakibwa amafaranga n’amaterefone kubera kugundana bitari bikenewe iyaba isoko yaritunganijwe neza. Abandi nabo bakidogako bama batozwa amafaranga ibihumbi cumi (10000Fbu) kukwezi abandi ibihumbi mirongo ibiri(20000FBu) atagitansi bahawe ntibamenya iyaja, bagatinyako banse kuyariha boca bakwa ibibanza.

Abo badandaza basaba reta kuza kubumvirinza ikabatunganiriza ikanakurikiranira hafi ibikorwa vya komiseri w’isoko yagirizwa kurya ibiturire kugira arabe hirya iyo ashikirijwe ivyo bibazo.

Twagerageje kurondera abajejwe intwaro kugira tubabaze ko ico kibazo bakizi ariko ntitwashoboye kubaronka.