Burundi : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagendeye igihugu ca kabiri co mu karere ka afrika y’ubuseruko

Burundi

Kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Rusama 2021, Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi yafashe urugendo rw’imisi itatu rwamushikanye mu gihigu ca Uganda aho yagiye mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu Yoweli Kaguta Museveni bitegekanijwe ejo kuwa 12 Rusama 2021

Vyatanguye kumenyekanako umukuru w’igihugu azogenda mur’ivyo birori kuwa 27 ndamukiza 2021, ibitari bimenyerewe ko ingendo z’umukuru w’igihugu c’uburundi zimenyeshwa imbere y’imisi cumi n’itanu. Ico gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuganye na mugenziwe wa Uganda Yoweli Kaguta Museveni kuri terefone basezeranako azojayo kumwimika.

Uwo rugendo rukaba rubaye urwa kabiri Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agize mukarere ka afrika y’ubuseruko, urwambere akaba yarugize mu gihugu ca Tanzaniya aho yari yagiye kwimika umuhisi John Pombe Magufuli yahavuye yitaba Imana.

Biravugwa ko mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweli Kaguta Museveni ejo kuwa 12 Rusama 2021, imihora ya internet izoba yugawe nkuko vyari bimeze igihe yatorwa kuwa 14 nzero 2021 ngo arongore ikiringo kigira gatanu. Yoweli Kaguta Museveni afise impaka 76 akaba yafashe ubutegetsi mumwaka wa 1986 ni ukuvugako amaze imyaka 35 ku butegetsi bwa Uganda.