Burundi: Abasoda batanguye koronswa urucanco rwa COVID19

Burundi

Mugihe uburundi butariko buraronswa urucanco rwa COVID19 mu mugambi COVAX nk’ibindi bihugu, abasoda b’abarundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrica bobo batanguye kuronswa urwo rucanco.

Tweet yo mubushikiranganji wo bwo bwivuna abansi

Abasoda b’abarundi bari muri Centrafrika baronkejwe urucanco rwa COVID19 mugihe uburundi butaremerako izo ncanco zinjira mu Burundi kandi n’abanyamahanga bahakorera boba bataremererwa kwicandagishiriza mu Burundi. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bukaba bwoba busabako uwukeneye urucanco kurusanga iwabo agaheza akagaruka.

Tubamenyesheko ikiza ruhonyanganda COVID19 kivugwa muntara nka zose zo mu Burundi ariko abanyagihugu benshi bakaba atabwoba kikibatera kuko uwubimenye kare ko agwaye yivuza agakira.