Burundi: Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yajanywe n’iki muri Kenya?

Burundi, Amakuru

Aherekejwe n’abagwizatunga harimwo urwaruka hamwe n’abatimbo, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rw’imisi ibiri mu gihigu ca Kenya kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 31 rusama 2021.

Akaba agiye mubirori vyatunganijwe na reta ya Kenya bita Madaraka Day bizoba ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 1 ruheshi 2021 yongere aganire na muganziwe wa Kenya uko bokomeza imigenderanire iri hagati y’uburundi na Kenya; ivy’ubudandaji n’ingenzi bikavurwako biri muvyambere bazoganira.

Biravugwako kandi agiye gusabako imamfu zari zarajanywe muri Kenya zogarukanwa mu burundi aho bivugwako zari zarahungishirijweyo mumyaka ya 1995 n’ubwo hari bamwe bavugako zoba zari zaragurishijwe.

Tubamenyesheko igihugu ca Kenya kigize ica gatatu muri bitandatu bigize umuryango w’ibihugu vya afrika y’ubuseruko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agendeye inyuma yo kuja mur’ayo mabanga kuwa 18 ruheshi 2020.