Burundi : Ingingo iri munteguro y’itegeko ivuguruza umukuru w’igihugu yihutiwe kuja mungiro ritarasinywa

Kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2021 inama nshingamateka yaratoye integuro y’itegeko ry’amafaranga reta izokoresha mumwaka w’ubutunzi wa 2021-2022 aho harimwo itagisi rishasha rya 18 kw’ijana ry’ama inite umuntu azokoresha kuri internet azoriha, amashirahamwe ya Lumitel na ONATEL aza yaratanguye kwidogerwa n’abanywanyi bayo ko yamaze kwikika mu kiza mukuduza ibiciro kandi hataragera kandi ivyo iyo tagisi bavuga izokora umukuru w’igihugu yari yaravuze ahazova amafaranga.

Mur’iyo nteguro bategekanya amamiriyaridi 28 azokoreshwa mugusanura amabarara ariko arasenyuka zizotozwa mubakoresha amabarabara(Ico umukuru w’igihugu akaba yaramaze kukivuga) hamwe na tagisi nshasha y’abakoresha internet, ico umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari amaze kuvuga akaba ar’uko amabarabara azosanurwa mu amafaranga azogarukanwa mu kigenga ca reta yari yibwe n’abategetsi, ivyatangage abatari bake kubona umukuru w’igihugu abandanya avuguruzwa atanumwaka aramara kubutegetsi.

Hambavu yiyo myidogo y’abanyagihugu kuvyerekeye iduzwa rya 18% yongewe kukiguzi c’ama unités muri Lumitel na ONAMOB zadugije kandi itegeko ritasinywa ngo rije mu ngiro hari n’abidogako LUMITEL ama unités ahera ningonga bakicurako harimwo ubusuma.

Tubamenyesheko mu Burundi hari urwaruka rwinshi rutari bwamenye gukoresha ubuhinga bwa internet uko bikwiye kuburyo hofatwa ingingo zo kugabanya abayikoresha. Abenshi bagura ama unités akoreshwa kumbuga hwaniro muburyo bwo gutera inkuru akaba ari bake boba baramenyekana babukoresha muguca amafaranga y’agaciro ngo bahembwe na Google, Facebook, Amazon n’izindi mbuga zikoresha ivyo bita affilliation mu gifaransa kugira binjize amafaranga y’agaciro.