Burundi : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarahiye, bishasha yashikirije.

Kukibuga c’umupira citiriwe ingoma mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru wa pilitike, kur’uyu wa 18 ruheshi 2020 umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye yarahiriye gutwara uburundi imyaka indwi ir’imbere aho yavuze mw’ijambo ivyo agiye kurangura.

Evariste Ndayishimiye abaye umukuru w’igihugu wa mbere arahiye imbere y’Imana n’abanyagihugu nk’uko ibwirizwa nshingiro ribivuga, indahiro yiwa ikaba yaciye yakirwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ahejeje kuyisinya. Hakaba hanavugijwe inkoho incuro 21 aho yarahejeje kurahira gutwara imyaka indwi.

Muvyo yavuze mw’ijambo ryamaze isaha n’iminota mirongo itatu n’itanu yashikirije abanyagihugu ntavyishi bishasha yavuze azokora, ahanini yavuzeko azokorera ku mushinge Petero Nkuruziza yasize ashinze nko muvyerekeye ubutungane, imibano n’umutekano.

Muvyerekeye iterambere niho yavuzeko azogwanya ivya kamwana wa mama muvyo kuronka akazi no guhabwa ibibanza muri reta aho avugako umurundi wese azoba yishikira iwe atavyo kuzoca kubatwara imigambwe bizosubira kubera ahubwo reta agiye gushinga azoraba ico umuntu ashoboye adakoreye kumugambwe aturukamwo.

Ivyo yavuze bishasha bindi agiye gukora ni nko kugarukana mu burundi kwubaka amazu akodeshwa ariko ararihwa bukebuke(Location vente) azokwubakwa n’ikigo OBUHA, kwubaka ingomero 7 z’umuyagankuba, kuvuza abakukuruke be no kubaha imfashanyo ku kukwezi kukwezi ingana n’ibiburiburi ingana n’umushahara bahora bahembwa bakiri mukazi, kur’iki tukagirako tubamenyeshako abariko barakukuruka mur’iyi myaka batakironswa amafaranga abandi bahora batekererwa yo gishika barangura imigambi mubuzima busanzwe. Vyishi muvyo twagiye turandika ikibiriraho yavuze mw’ijambo mushobora kubisanga kurubuga rwacu rwa twitter (@ItaraBurundi)

Tubamenyesheko umuryango w’umuhisi Petero Nkurunziza utitavye ivyo birori vyo kurahira kwa Evariste Ndayishimiye aho hari n’abavugako Lieutenant Kelly Nkurunziza yoba anapfunzwe kubera yoba yaranseko bitaba ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu se wiwe yipfuye ari mur’ico kibanza atarashingurwa. Uwundi atabonetse mur’ivyo birori ni umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL utavuga rumwe na reta unavugako wari wibwe amajwi ariwo wari watsinze amatora yo kuwa 20 rusama 2020.