Burundi : Umukuru w’igihugu yagenye abagize reta.

Kur’uyu wa 28 ruheshi 2020, umukuru w’igihugu , Évariste Ndayishimiye yagenye mumabanga abashikiranganji 15 bagize reta y’uburundi aho bamwe bahoramwo abandi nabo bahora muyandi mabanga.

  1. CPC Gervais Ndirakobuka alias Ndakugarika; Umushikiranganji ajewe intwaro yo hagati mugihugu, umutekano n’iterambere rusangi
  2. Ir Alain Triber Mutabazi; umushikiranganji wo kwivuna abansi no kubungabunga abahoze k’urugamba
  3. Umupfasoni Nibizi Jeanine; umushikiranganji w’ubutungane,
  4. Amb. Albert Nshingiro; umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya mw’iterambere,
  5. Dr Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’ikigega ca reta no gutunganya ubutunzi bw’igihugu,
  6. Dr Caspard Banyankimbona, umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi
  7. Dr Thaddée Ndikumana; umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA
  8. Dr Déo Guide Rurema; umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije;
  9. Deogratias Nsanganiyumwami; umushikiranganji w’inyubakwa, ibikoresho vya reta no kugwiza uburaro
  10. Umupfasoni Domine Banyankimbona; umushikiranganji w’akazi n’abakozi ba reta
  11. Ir Abraham uwizeye; umushikiranganji w’amazi, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka
  12. Umushingamateka Immaculé Ndabaneze; umushikiranganji w’ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi
  13. Amb. Ézéchiel Nibigira; umushikiranganji ajejwe gukurikirana iyinjira ry’uburundi mumuryango wa afrika y’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imico kama
  14. Umupfasoni Immelde Sabushimike; umushikiranganji wo gushigikirana, imibano n’iterambere ridakumira
  15. Umupfasoni Marie Chantal ; umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru,ubuhinga ngurukana bumenyi n’ibimenyeshamakuru.

Tukabamenyeshako hari ubushikiranganji bwashizwe hamwe nk’ubw’intwaro yo hagati mugihugu be n’ubw’umutekano bwahawe uwahora atwara iperereza co kimwe n’ubw’urwaruka inkino n’imico kama bwafatanye n’ubw’iyinjira ry’uburundi muri afrika y’ubuseruko bwahamwe uwahoze atwara imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD munyuma agatwara umushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu Ézéchiel Nibigira……

Bikavugwako mur’iyo reta abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe na reta urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa atabibanza baronsemwo.