Burundi : Umukuru wa Ligue Izere Ntiwihebure yoba yahunze.

François Xavier Ndaruzaniye yahora ari kw’isonga mubategura imyiyerekano yo kwimiriza ama raporo asohorwa n’amashirahamwe yigenga na mpunzamakungu aharanira agateka ka zina muntu yoba yarahunze mur’iyindwi tugira dusozere.

Inyuma yaho umushikiranganji w’umutekano CPG Alain Guillaume Bunyoni ahagarikiye ibikorwa vy’ishirahamwe Crowd1 ryariko risahura abanyagihugu, biravugwako uwo François Xavier Ndaruzaniye, asanzwe ari umukozi wo ku kibuga c’indege akongera akarongora ishiramahwe Ligue Izere Ntiwihebure rizwi mugutegura imyiyerekano yo kwiyamiriza amaraporo yose avuga ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, yoba yarahangaye umushukiranganji Bunyoni avugako ari umuntu muto afise nawe abamukurira, ko Crowd1 ririmwo ibihangange bitazokwemera guheba imitahe yavyo, aho bivugwako iyo Crowd1 yaserukirwa n’umuhanuzi w’umukuru w’igihugu yiywa François Hakizimana. Ivyoba vyatumye afatwa akajanwa mw’iperereza akamara imisi abazwa ivyo yagirizwa.

François Xavier Ndaruzaniye

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako François Xavier Ndaruzaniye yoba yaciye atorokeshwa agahunga aciye mugihugu ca Tanzaniya, amakuru akabandanya avugako n’ubundi apfunzwe atomarayo kabiri.

Tukabamenyeshako uwo François Xavier Ndaruzaniye yatwandikiye ahakanako atari muri muri AIM Global nk’uko twari twavyanditse mugihe bivugwako amaze no kuja kucicaro gikuru caryo muri Philippines, akaba azwi cane munyigisho zokubiba amacakubiri yama yandika kumbuga ngurukanabumenyi no mugutegura imyiyerekano kenshi y’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ashigikiye reta mugihe yaba ariko yiyamiriza amaraporo canke abantu ubutegetsi bwa CNDDFDD bwaba buterekwa, harimwo kwiyamiriza Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom, Bernard Maingain aburanira abakorewe amabi n’ubutegetsi, Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, n’abandi n’abandi.