Burundi : Umunezero udasanzwe ku mpunzi zababa 490 zahungutse zivuye mu Rwanda muzirenga 33OO00 zikiri hanze y’igihigu.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 myandagaro 2020, impunzi zababa 490 zatahutse zivuye mugihu kibanyi c’u Rwanda aho zari rimaze imyaka itanu zikaba zakiranywe igishika cinshi na reta.

Uyu munsi ukaba wari  witeganywe igishika na reta y’uburundi n’imiryango y’imiryango y’impunzi zahungiye mu Rwanda inyuma y’inama yashinze iryo sango yari yahuje reta y’uburundi, reta y’urwanda n’ishirahamwe HCR mu misi iheze yiga uko impunzi zivyipfuza zotahukanwa mw’iteka n’itekane.

Izo mpinzi zikaba zakiriwe na CPC Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, bw’intwaro yo hagati mugihugu, umutekano n’iterambere rirama  eka n’umukuru w’igihugu Gen Maj Evariste Ndayishimiye akaba yanditse kuri Twitter yiwe ati :

« Turahaye ikaze Benewacu batahutse bava mu buhungiro i Mahama. Ni akanyamuneza kenshi ku miryango yabo no ku Burundi. Abajejwe intwaro basabwe kubashigikira mu ntambuko zose mu gusubizwa mu zabo. Turateye intege n’abandi bipfuza gutahuka, Uburundi ni ubwacu twese. Kaze Iwacu heza! »

Kw’igenekerezo rya 31 mukakaro 2020 ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rikaba ryavugako impunzi z’abarundi zarenga 333700, umukuru w’igihugu akaba atigeze yandika narimwe yakira impunzi zari zimaze imisi zitahuka ziva mu gihugu ca Tanzaniya, igihugu gifise impunzi z’abarundi barenga 160000 kandi mu Rwanda havuye 479 hahungiye abababa 70000.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu, umutekano n’iterambere rirama aherutse gushikirizako impunzi zirenga 300000 zimaze gutahuka.

Mugihe ico gitigiri gishikirizwa na reta coba arico umuntu yoshobora kwibaza ibi bibazo :

Hoba hari abarundi batagiharurwa nk’abarundi ko igiharuro coba cabaye kinini c’impunzi z’abarundi bahunze kuva 2015 coba cababa 430000 ?

Petero Nkurikiye yoba yashatse kwerekana ko hamaze guhunguka abarundi benshi kugira ashike kuki?

Canke abarundi boba marahunze barenga ibihumbi 600000 hanyuma HCR ntiyabimenya ?

Hari n’ibindi bibazo umuntu yokwibaza aravye inguvu reta iriko irakoresha mugushaka guhungura impunzi kugushaka kwazo ariko habanje kwibonekeza uruyeri ; Uburorero akaba ari urwandiko rwitiriwe impunzi zirenga 300 z’i Mahama vyavurwako rwarungikiwe umukuru w’igihugu mu kwezi guheze, imigumuko yabaye mundwi iheze mumpunzi zahungiye mu gihugu ca reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe n’ibimaze imisi bitegurwa mw’ikambi y’impunzi y’i Nakivale mugihugu ca Uganda, bikabonekako abakozi b’iperereza ry’uburundi bakobeje cane mur’ivyo bikorwa impunzi zitarinke zidashima.

Twobamenyeshako mu mpunzi zababa ibihumbi mirongo irindwi (70000) zahungiye mu gihugu c’u Rwanda bikavugwako hamaze kwiyandikisha abashaka gutaha bashika igihumbi n’amajana umunani gusa(1800) kandiko impunzi zose hamwe zitaratahuka zirenga 330000. Abatitaba akamo baterwa na reta y’i Gitega ko gutaha, bakagiriza iyo reka kuba itahanye abatoteje abarundi haba kubica, kubapfunga canke kubanyuruza bakaburirwa irengero, ikaba kandi itapfunguye abarenga ibihumbi cumi bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo abandi bakazira akazi bakora ko guharanira agateka ka zina muntu canke kumenyeshamakuru.

Imbere yo gutaha abiyandikishije kugira batahe bakaba babanza gupimwa ko batanduye ikiza ca COVID19, ari naco cari cabujije abahunga canke abahunguka kubera imipaka y’uburundi n’ibindi bihugu igipfunze ndetse hakaba hari n’abarundi 100 bamaze imisi kukibuga c’indege mu Bubirigi n’abandi barenga 130 basubijwe mu Rwanda bose bankirwa kwinjira mu Burundi kubera imipaka ipfunze.