Burundi : Intambara : Ubwoba ni bwinshi mubanyagihugu bo muri komine Mugamba.

Ku misozi ya Mukike na Kivumu iri muri komine Mugamba intara ya Bururi hamaze imisi ibiri hanyuragirana abasoda n’abapolisi, bariko barondera abarwanyi, ubwoba bukaba butekeye abanyagihugu.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako hari abantu bivugwako bagiye kumuhana w’ahantu hitwa i Nyakibari hagati ya komine Mukike yo muntara ya Bujumbura na Komine Mugamba yo mu ntara ya Bururi ku musi wa kabiri igenekerezo rya 25 myandagaro 2020, bararaho barya ibitungwa bitobito vyaho baca bageda bukeye batwaye nyene muhana, abanyagihugu bandi bakaba babimenye bukeye, bakabibonamwo amakenga ko rwoba ari uruyeri rwo gutata no kwica abatutsi. Munyuma haciye hagenda abasoda, abapolisi n’imbonerakure bashwara kumisozi ya Mukike na Rugata(uri muri zone Kivumu) yose yo muri komine Mugamba intara ya Bururi, mu bumanuko bw’igihugu, n’ubu bakaba bakirondera abo barwanyi ariko akaba atanumwe baratora.

Ivyo bikaba bibaye, inyuma yaho havugiwe umurwi w’abarwanyi utaramenyekana wateye muntara ya Rumonge kuw’Imana igenekerezo rya 23 myandagaro 2020, ukica abanyagihugu 12 abandi bagakomereka, ugasahura ibifungurwa n’ibitungwa, amafoto y’abafatwa akaboneka kumbura ariko igipolisi ntikivuge ivyarivyo.

Mubajejwe umutekano hari uwavuzeko ari hejuru i Mukike kandi ari hejuru yahitwa mu Rutongo, komine Muhuta, intara ya Rumonge, ahantu hari kure y’umusozi Mukike twababwiye wowo uri muri komine Mugamba intara ya Bururi, uwo ajejwe umutekano akaba yabivuze muburyo bw’amajwi yaciye kurubuga rwa WhatApp aho  bari bafashe abana babiri bavuye gusuma ubuswage bakabagirizako bari bagemuriye abarwanyi n’ubu imiryango yabo ikaba ivyamirira kure, yirirwa irasabako bosubizwa abo bana ariko igipolisi kikaba caranse.  

Umwe mubana bafashwe n’igipolisi avuye gusuma umuswage, yafatiwe hejuru yo mu Rutongo
Umwana twaberetse hejuru aboneka ngaha aboshwe uw’indege.

Abanyagihugu bakaba bafise ubwoba kuri urwo ruja n’uruza rw’iyo mirwi ivugwa ariko batayibona, bagatinyako urwaruka rwabo rushobora kurwa muvyo rutazi narirya abapolisi bamenyereye kuza mu micungarara bagatwara abantu nk’uwitwa Ndikuriyo w’ahitwa mu Gakaranka munsi ya Mukike yishwe kumurango izuba ryaka n’abajejwe umutekano kandi atagihano co gupfa kikihari.

Twobamenyeshako yaba reta yaba abo bitwa ko bateye atanumwe turumva avuga abo barwanyi abaribo n’aho bari, hakaba hari n’abafise ubwoba ko ari umugambi w’ihonyabwoko uriko ushirwa mungiro narirya abamaze gupfa abari mubwoko bw’abatutsi be n’abakozi b’abo b’abahutu gusa mumakomine ya Muhuta na Bugarama muntara ya Rumonge, bagasaba ko abanyagihugu bokingirwa ihonyabwoko.

Kwifoto haboneka uwakomeretse ariko Abapolisi ntaco bavuga
Iyi foto haraboneka abafashwe ariko igipolisi ntaco kivuga.