Burundi : Umuririmvyi w’umunyarwanda Israël Mbonyi vyabuze uruhusha rwo kuremesha ibiteramo yoremeshereje i Bujumbura

Kuva kuwagatanu igenekerezo rya 13 myandagaro gushika kuwa mungu igenekerezo rya 15 myandagaro 2021 hari hitezwe ibiteramo vy’umusore w’umunyarwanda Israel Mbonyi i Bujumbura mu Burundi ariko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi bumenyeshako ivyo biteramo bitazoba kubera atazoba araronka uruhushwa rw’abategetsi babifitiye uburenganzira.

Israel Mbonyi, umusore w’umunyarwanda asanzwe aririmba indirimbo z’Imana zikunzwe cane mu karere ka afrika y’ubuseruko nka « Twicaraga ku migezi y’ibaburoni, baho yakunzwe cane aheruka gusohora, hamwe n’izindi yari yitegenywe igishika i Bujumbura aho yoteramishije abantu kuri Lycée Scheppers mu Nyakabiga ku magenekerezo ya 13-14 myandagaro 2021 agasozerera ibiteramo vyiwe kw’ibarabara ry’itiriwe ukwikukira kuwa mungu igenekerezo rya 15 myandagaro 2021.

Ikirangamisi cari c’ateguwe n’umuririmvyi Israel Mbonyi akanagishira kurubugwa rwiwe rwa twitter.

Nk’uko tubikura kur’ubuga twitter rw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi banditse bati :

« Umuririmvyi Israël Mbonyi ‘yategura ibiteramo’ vyobereye mu Burundi, ntibizoba. Ntazoba araronswa uruhusha n’inzego z’igihugu c’uburundi zibifitiye ububasha »

twasiguye tweet y’ubushikirangaji

Tubamenyesheko imigenderanire y’uburundi n’igihugu c’urwanda yariko iragenda neza inyuma y’imyaka itandatu ivyo bihugu bidacana uwaka. Igituma umuririmvyi  Israeil Mbonyi, umunyarwanda akiri muto akunzwe cane n’abumva indirimbo ziwe ashobora kutazoronswa uruhusha rwo kuremesha ibiteramo mu Burundi kikaba kiraramenyekana.