Burundi: Urubanza muri Sentare y’icese rwa Muganga Christophe Sahabo

Kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2023, huguruwe muntahe y’icese, urubanza rwa muganga Christophe Sahabo imbere ya Sentare Nkuru ya Muha ibujumbura akaba yarikumwe n’umushingwamanza wiwe ndetse n’abasaba indishi mur’urwo rubanza bakaba bari bahishikiye.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, Muganga Christophe Sahabo yaburanye mw’idonido arerekana ko azira ubusa, ko dosiye yiwe kuva agifatwa yaranzwemwo utungenge twinshi harimwo ihonyangwa ryinshi ry’amategeko.

Sentare imaze kumviriza impande zose zaburanye, zerekana ivyo zisaba, urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero kugira Sentare ice urubanza kur’ibi bikuririkira :

1. Kwihweza uko urubanza rumeze kugira barekure Muganga Christophe Sahabo bihweje ihonyangwa ry’amategeko ryaranze ipfungwa ryiwe

2. Kwihweza ko Sentare Nkuru ya Muha ifise ububasha bwo kuburanisha amatati hagati y’abanyamitahe b’ibitaro Kira

3. Kwihweza ko abasaba indishi (Ishirahamwe Socabu n’ubuyobozi bw’imfatakibanza bw’ibitaro Kira Hospital babirekuriwe badahawe ububasha n’inama ya bose y’abanyamitahe.

Twobamenyeshako urubanza rwa mbere, mu ntahe y’icese, rwari rwabaye mur’iyo Sentare nyene kw’igenekerezo rya  05 Rusama 2023. Ico gihe Muganga Christophe Sahabo ntiyashoboye kuburana mw’idon’ido ry’urubanza kubera abasaba indishi, kandi harivyo batari bwaheze muvyamategeko vyo gushingisha neza urubanza mukuriha amafaranga.

Ingingo izofatwa na Sentare mumisi itarenga mirongo itatu nk’uko amategeko abitegekanya.