Burundi: Urugendo rwa kabiri rw’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye

Nk’uko vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu uno munsi, Evariste Ndayishimiye hamwe n’umupfasoni wiwe Angeline Ndayishimiye bafise ugendo rw’imisi itanu mu gihugu ca Guinée Equatoriale guhera kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 2 munyonyo 2020.

Nk’uko iryo tangazo ribivuga, urwo rugendo rw’akazi rw’umuryango w’umukuru w’igihugu mugihugu ca Guinée Equatoriale ruzofasha gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yarisanzwe imeze neza cane.

Tubamenyesheko kuva kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aroye kubutegetsi, azoba agendeye igihugu kigira kabiri, icambere kikaba cabaye Tanzaniyamu gihe ata mukuru w’igihugu n’umwe aragendera uburundi kuva ico gihe. Ico gihugu Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’uburundi yagendeye kikaba giharurwa muri bitatu vyambere bitunze muri Afrika nk’uko tubisoma kurubuga www.agenceecofin.com