Burundi : Rusansuma y’ubwoko mubakozi ba reta : Ntikwoba ari ugusozera umugambi w’ihonyabwoko?

Inyuma y’amezi atatu hatangujwe umugambi wo kugira rusansuma mubatagira akazi, bigakorwa incuro zibiri, guhera ejo kw’igenekerezo rya 26 gitugutu 2020 naho hazotangura rusansuma rw’imisi ibiri mubakozi ba reta bisabwe n’ubushikiranganji bw’abakozi ba reta, ibihagaritse umutima abantu mu gihugu cose.

@ItaraBurundi

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abakozi ba reta bazobazwa n’abayobozi babo mu buzi baherutse kuvyigishwa. Mu bibazo birenga ijana bazobazwa harimwo bimwe biteye ubwoba, bagatanga uburorero : « Ni hehe utipfuza gukorera ?, Vuga ubwoko bwawe, ivyo abavyeyi bawe bakora, amamuko, sendika umuntu arimwo, utwo yiyungunganyamwo inyuma yakazi, idini asengeramwo, amafaranga ahembwa,… » bakabonako harimwo no kubamenesha amabanga kuko abo bariko baregeranya amakuru bashobora kubihindura canke bakabikoresha mukubatoteza,….. ;
Bikavugwako abakozi ba reta bari mubwoko bw’abahutu bazovugako ari abatutsi kugira hageze guharura bazosange abatutsi aribo benshi cane gurtyo baheze bace babarungika gukorera muntara baziko vyobagora gutunga imiryango yabo nk’uko vyagenze mw’ikwiragizwa ry’abigisha ryabaye mumyaka iheze, benshi bahitemwo guheba akazi kugira abashomeri b’abahutu bahabwe ubuzi mu bibanza vyabo, abatutsi bamaze gutakaza ubuzi, bazoce bashobora kubandanya izindi ntambwe zo kubatoteza harimwo no kubica.
Bikavugwako bazokorera kunyishu z’abazoba batanze uwuzovugako afise akazi akora inyuma y’amasaha y’akazi bakazoca bamujana kure kugira ahitemwo guheba akazi ka reta ahitemwo gukora ivy’iwe, ndetse n’uwobihisha kubera abazogira rusansuma bazoba bamuzi neza, mugisata c’abikorera ivyabo bikavugwako nahone rusansuma ruzokorwa.
Abakozi bareta bagasaba reta mvyeyi guhagarika kubarya umutima narirya ubukene bubageze habi. « Amafaranga duhembwa asigaye atumuka, uvunje ibihumbi cumi ugasuma wokwibaza ko bakwivye ». Umwe twavuganye akongerako ko iyaba reta yashaka kumenya igitigiri c’abakozi ifise nk’uko bimaze imisi bisigurwa mumaradiyo, itorinda gukora urwo rusansuma kuko bose bafise aho batwarwa, ntamuyobozi numwe ngo atazi igitigiri c’abakozi atwara.

Inyandiko zimaze imisi zica kumbuga ngurukana bumenyi zigatera ubwoba abakozi ba resta.

Twobibutsako muri rusansuma rw’abatagira akazi rwakozwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi hamwe n’abajejwe intwaro bisabwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira, bikaba biriko biba hari intara havugwamwo itangwa ry’ibigwanisho ku mbonerakure.
Tubamenyesheko rusansuma nk’urwo bivugwako rukorwa iyo haba hariko hategurwa ihonyabwoko ari naco gituma ubwoba bwarengeye abakozi ba reta bibaza ikigiye gukurikira ko bizobasiga amahoro.