Burundi: Rusansuma ruriko rurakorwa rurateye ubwoba abatutsi

Hari rusansuma rumaze imisi rukorwa mubakozi ba reta bose aho babazwamwo ubwoko n’ibindi bibazo vyogizwe ibanga, rukaba rubandanya rutera ubwoba abatutsi.

Kw’igenekerezo rya 04 munyonyo 2020, ubushikiranganji bw’abakozi ba reta n’akazi bwasavye ubushikiranganji n’ibigo vya reta vyose ko borungika imyidondoro y’abariko bagira urwo rusansuma. Bukamenyeshako ibizoba vyaranditswe n’abantu batarungitswe amazina bitazofatirwako.
Ivyo bikaba biruko mugihe havurwako abatazokwisansumisha bazofatirwa ibihano harimwo guhagarikirwa imishahara.
Tubibutseko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere ridakumira rumaze kugira rusansuma nk’urwo kubatagira akazi kabiri kose kuva mukw’indwi 2020 ariko hoho ivy’ubwoko bikaba bitagiye kumugaragaro, vyasubirirwa na koperative z’umugambwe.