Ifarasi, ibitungwa bishasha bishikiye mungorane za politike mu Burundi.

Mugihe uburundi n’igihugu c’ubufaransa vyari bimaze imisi bifitaniye imigenderanire myiza , ibitungwa vyo mu bwoko bw’ifarasi bigiye gushirwa mugasho(isolement) kubera imvo za Polotike nayo abarimyi 600 bari biteze kubikoresha mukubirimisha basubire kubidima.

Hari kw’igenekerezo rya 25 z’uku kwezi kwa gatanu 2018 aho haboneka kurubuga ngurukana bumenyi rwa twitter, amashusho yerekana ibitungwa bitandatu tutari tumenyereye mu Burundi bivugwako ari imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe ry’abafaransa ngo bizofashe muburimyi muri iyo ntara ya Gitega muri komine Nyarusange aho abarimyi amajana atandatu y’abakenyezi bari bagiye kuruhuka isuka ya misi yose.
Ivyo bitungwa bikaba bifise akamaro kanini mubuzima bwa misi yose mu bihugu biteye imbere nk’ubufaransa ndetse n’ibindi bihugu kuko bifasha mukwikorera imizigo no kurima mukibanza c’imashine zirima zisanzwe ari umuzi w’ibuye mu gihugu c’uburundi.
Nkuko twabisomye kuruhinga ngurukanabumenyi bwa twitter, Delahousse Laurent , aserukira ubufaransa mu Burundi ntiyoroherejwe aho Imbonerakure zamusatiriye guhera ayo mafoto aja ahabona, ndetse no kuri facebook akaba yagumye yandikirwa ubutumwa n’imbonerakure zimwagiriza kuzana ibikoko bitemewe kwisi bw’uburundi, aho mbere izo mbonerakure zitaretse no kuvuga nabi ivyo bitungwa zivugako zoba zigwaye, abandi ngo zoba zizotwara ibigwanisho muntambara iriko irategurwa n’izo mbonerakure nyene mumigwi yazo ya whatasapp nk’uko abari muriyo babibwiye itaraburundi.com .
Abihweza ibintu n’ibindi bakabonako izo farasi ziguye mu mporero aho kumafoto yagiye ahabona kuriryo genekerezo rya 25 nyene, umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yariko arakirwa na mugenzi we Emmanuel Macro arongoye igihugu c’ubufaransa mu bufaransa aho mbere vyavugwako yaragiye no gushigikira umushikiranganji wico gihugu ajejwe imigenderanire y’urwanda n’ibindi bihugu, umupfasoni Louise Mushikiwabo agomba kwitoza kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibigu bivuga ururimi rwigifaransa (OIF)uburundi busanzwe Burimwo.
Ishari rero ryavuye kubakoresha urubuga rwa twitter bagereranije imigenderanire iri hagati y’ubufaransa n’ibihungu vy’uburundi n’urwanda bisanzwe bidacana uwaka aho ifarasi zitandatu kuruhande rumwe ari agasuzuguro ugereranije n’icubahiro urwanda rwaronse mu bufaransa kuri izo genekerezo nyene.
Tubamenyeshe ko umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yasinye ikete kuri uyu musi w’Imana, asanzwe adatonda mu biro ryo kwimura izo farasi ngo zijanwe mu i Mugina muri komine Mabanda intara ya Makamba ahantu zitazosubira kwegera abanyagihugu bari bazinezererewe avugako izo farasi zinjijwe mu Burundi bidakurikije amategeko. Ivyo uwuserukira ubufaransa yamirira kure aho avugako muvyo azi ar’uko izo farasi zinjijwe hakurikijwe amategeko ariko ko atari ubufaransa bwazizanye ahubwo ari imfashanyo zo gufata mumugongo abarimyi b’abakenyezi bashika amajana atandatu(600)ngo bashobore kworoherwa mu burimyi biciye kw’ishirahamwe ryabo n’iry’abafaransa.
Abantu bakibaza nimba koko izo farasi zoba zigiye gupfungwa canke ko zoba zahawe ishirahamwe OGENA-Burundi reta idashaka ko bazironswa mugihe bivugwako ivyo bikoko bifise akamaro gakomeye cane mugufasha abarimyi borozi kuko no muntara ya Cankuzo muri Komine Cendajuru biravugwa ko ivyo bitungwa biriyo.

Kurikira Itara Burundi 🇧🇮 kuri twitterm ugufyonda ngaha ⬇⬇⬇

(@ItaraBurundi)