Burundi : « Yoba yaragwaye CORONAVIRUS bikagirwa ibanga »

Ku munsi wa hirya yejo igenekerezo rya 11 ntwarante 2020, umuntu akekwa kuba afise umugera wa CORONAVIRUS yataziriwe COVID19, yaribonekeje i Bujumbura, ajanwa muri Kira Hospital bukeye aca ajanwa mukibanza cabigenewe.

Bivugwa ko uwo muntu aturuka muri afrika y’uburengero, yururutse indege kukibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye ku mugoroba w’igenekerezo rya 11 ntwarante 2020 avuye i buraya, aca ajanwa mu bitaro vyigenga HIRA HOSPITAL.

Bukeye kw’igenekerezo rya 12/3/2020, hari ejo, abakozi batonze nk’uko bisanzwe harabaye uruhagarara bihweje ibimenyetso vy’iyo ngwara ukuntu bisa n’ivy’ikiza CORONAVIRUS, bituma abajejwe amagara y’abantu kurwego w’akarere kubuvuzi Marie ya Bujumbura irimwo bakorana vyihuta, haca hafatwa ingingo yo gutwara uwo mugwayi muri Hôtel Source du Nil aho reta yateguriye abavuye mubihugu bivugwamwo ico kiza, abakozi babona kubandanya akazi.

Kumvo tutashoboye kumenya, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaririnze kubivugira kumaradiyo ko mu Burundi habonetse umugwayi akekwako CORONAVIRUS, buvugako hari abantu 34 bashizwe ukwabo(en quarantaine) ariko buca bufata ingingo ko umuntu wese azova mubihugu vya buraya azotegerezwa kujanwa aho abashizwe ukwabo bari imisi cumi n’ine imbere yuko akora icari kimuzanye.

Tubamenyeshe ko ubwo bushikiranganji mw’itangazo bwasoye buvugamwo ivyo tubabwiye ejo nyene, bwagiriyeko buhanura bushimitse abanyagihugu ko bokwirinda ico kiza ca CORONAVIRUS bivuye inyuma, mugukaraba n’amazi meza n’isabunze arimwo umutima wica imigera, ibikoresho vy’isuku bigashirwa ku masoko, amavuriro, ibibuga vy’umupira, mumabiro, amasengero n’ahandi hahurira abantu benshi.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.