Burundi : Ikiganiro umubano N°0016 : Guterera mu rubanza ryoba ari itegeko ?

Mu kiganiro umubano c’uno munsi tubaganirira kuvyerekeye guterara mu rubanza uko bifatwa hamwe hamwe mu Burundi. Haraho udaterereye utavumba n’ahandi udahaye abatumire ibinyoba bikwiye utaronswa intererano hakaba n’ahandi  ukwitabira urubanza biruta guterera  kuko utaroye mu rubanza nawe ugize urubanza atabagwitabira.

Ikinyamakuru Itara Burundi caragize amatohoza

Intara y’imbo : Cane cane muri ntara ya Bujumbura umuntu afise urubanza rw’ubugeni aratereraza nk’ahandi hose. Umunsi ugeze umuntu wese yaterereye baramwandika. Hageze gutanga ibinyobwa umwe wese bamutereka imbere igice c’ibinyobwa yaterereye. Uwazanye ikaziya y’ifanta bamuha amafanta cumi nabiri, uwazanyeiy’ibiyeri akaronswa atandatu. Vyumvikanako mubavumvyi(abataterereye) haba harimwo abaje bihetse kur’abo batereye. Abavumyi ngo bituma baba bake kuko umwe wese aba ashaka kwerekanako yaterereye. Zimwe zasigara zihabwa abakoze ibikorwa n’abaterereye amafaranga n’ivyo kurya batashoboye kuzana inzoga kuko bararya bagahimba.

Intara ya Mugamba: Muntara kama ya Mugamba igikuru si uguterera ahubwo kwitaba urubanza nico nyamukuru. Ushobora gusanga ibiyeri bironkejwe abavuye kure canke abashitsi b’imena  nk’abakwe kubera ntibicarika abatumire hamwe. Har’aho usanga bagize ivyicaro bitatu canke bine bivanye n’ubwinshi bwabitavye urubanza n’uburyo bwa nyene kugira urubanza: Hari icicaro c’abagore, ic’abashitsi n’abakwe hamwe n’ic’abagabo b’ababanyi. Abo bose baba bavanze abaronse intererano n’abavumvyi abantu bagasangirira kubera banywesha imikenge  mu nkono imwe bivanye n’igitereko. Ariko uwaterereye ibiyeri canke ifanta atagerezwa kugenda akinyoyeko abataterereye bagasangizwa ikiyeri ari babiri canke batatu. Aho hantu umuntu atigera atonda mumunza nawe agize urubanza ntaronka abarumumarira. Mubiganiro usanga bafise ni “Ko naka ntamubonye vyagenze gute?”. Mu Ivyo gufungura bisigaye hake. Kubaba bavuye kure haraho bafungurirwa bivanye na nyene kugira urubanza uko yifashe. Mukibizibukira imanza z’ubukwe zica zibera kuma centres.

Intara ya Buyogoma: Mu ntara zo mu Buseruko bw’igihugu naho umuntu afise urubanza rw’ubugeni ategerezwa kwimenya aho akura amafaranga y’ivya nkenerwa agatumira abatumire bakaza. Iyo ataronse ivyo abaha ngo banywe bakwirwe bose harimwo bamwe baca bafata intererano bari bamuteguriye bakayijana mu kabare bakayasorora. Nico gituma usanga hageze gutanga amakado hatonze abagabo benshi batanga amabahasha.

Mu gisagara ca Bujumbura: Mu gisagara ca Bujumbura rero kubera hahurira abantu b’imico myinshi ico hisangije n’ahandi, umusore n’inkumi bashobora gutumira abantu muma komite ategura urubanza rwabo umwe ukwiwe, bakabagerekako amafaranga yose abura kugira ubwo bugeni bube. Har’imwo nabagura ibikoresho vyo munzu muntererano, hageze urubanza abatumire bagataha badashikiriwe n’ibinyobwa kandi baterereye. Ivyo guteka mu rubanza rw’ubugeni ntibikiri ikirenga nka kera. Hafungura abashikanye umugeni munzu, ni ukuvuga parein, mareine n’abandi bakeya.

Muntara kama ya Buragane: Muntara zo mu Bumanuko bw’igihugu naho, uwufise urubanza aratereraza muncuti n’abagenzi bakazana ivyo guteka, umwe ashobora guterera igiseke c’ifu y’imyumbati, inyama, imikeke,…. Uwufise amafaranga n’uwutayaronse bose baranywa bakarya. Ni hake wogenda ntusange bacumvye ubugari bw’imyumbati mur’ubanza rw’ubugeni.

Twobamenyeshako imanza z’abifise n’abafise uburyo bubayabaye zitandukanye cane  ivyo gufungurira abatumire nka hose biriko birahebwa kubera gutanga uburozi bisigaye vyimonogoje. Ivyo guterera mumanza bikaba bisigaye biremereye bamwe bamwe kubera imanza nyinshi zivuye kukugwirirana kw’abantu hamwe n’ubukene bwabaye ndanse.

Ng’aho iwanyu mubigira gute?