Imipaka ihuza ibihugu vy’u Burundi n’u Rwanda iracugaye

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 07 ntwarante 2022 igihugu c’u Rwanda niho cugurura imipaka igihuza ibihugu vyose harimwo n’imbibe zigihuza n’u Burundi ariko kubwa Arlbert Nshingiro umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’amakungu, ibiganiro ntibirahera ngo imipaka yugururwe.

Nk’uko kubwa Arlbert Nshingiro umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’amakungu yabishikirije kw’iradiyo y’igihugu RNTB, avugako imipaka y’uburundi n’urwanda yugawe kubera imigenderanire yavyo itari yifashe neza guhera mumwaka wa 2015 ariko ko ibiganiro bikibandanya, biheze ko uburundi buzomenyeshako bwuguruye imipaka yabwo.

Tubamenyesheko ingingo yo kwugara imipaka y’uburundi yafashwe kuntwaro y’umuhusi Petero Nkurunzira kandiko intwaro yiwe yasaba Urwanda ko bomuha abashatse kumutembagaza kubutegetsi, inyuma y’urupfu rwiwe uwamusubiriye Evariste Ndayishimiye akaba ariko asubiza hamwe n’ibihugu bitari bike harimwo n’ivyari vyarafatiye ibihano uburundi.