Burundi : Abakozi bo kwishure ry’imyuga ETS Kiremba barongewe ibihumbi bitanu kukwezi

Mumpera z’umwaka wa 2021 twarabashikirije ikibazo c’abakozi bakora ubuzi butobuto kuri ETS Kiremba Sud riri muntara ya Bururi basaba kwongerwa umushahara no gufatwa neza. Ubu barongewe ibihumbi bitanu kuyo bahora bahembwa ibihumbi mirongo itatu ariko babandanya batakambira reta ko yobafata nk’abarezi mu bandi, ikabongera umushahara ukwiye.

Inyuma y’amakuru twabashikirije kuwa 29 kigarama 2021, Bukuru Déo, umuyobozi w’ishure ry’imyuga ETS Kiremba Sud, atanama arinze kubagirisha, yarongeye amafaranga ibihumbi bitanu (5000FBu) kuri 30000F bahora bahembwa, abasanzwe bakora ubuzi butobuto ariko busaba inguvu kw’ishure arongoye.

Abegereye iryo shure bamenyesheje ikinyamakuru Itara Burundi ko kuva iryo shure ritangura atamukozi n’umwe akora mu gikoni arigera akwiza imyaka yo gukukuruka kubera akazi kinguvu gatuma bata bakomoka batinya kuhasiga amagara. Ni mugihe bidogako umuyobizi w’ishure yabakengereye akabima inama n’ubwo badasiba kuyimusaba, bakipfuzako yobaha inama bakamubaza igituma yabonyege ibihumbi bitanu kandi abanyeshure basigaye batanga amafaranga menshi kandi nabo bafise uruhara rukomeye mw’iterambere ryabo.

Abakozi baho hambavu yo gusaba kwongerwa umushahara ngo basaba reta kuraba imyaka ifatirako kugira abakozi nkabo bakukuruke bagifise utuguvu two kubandanya ubundi buzima ndetse n’udufaranga ibatangira muri INSS tubagirire akamaro.