Burundi: Abigisha buca bakora ikibazo imbere yo kuronswa inyigisho nkarishabwenge

Nk’uko vyateguwe na reta, abigisha bo mumashure y’intango buca bakora ikibazo imbere yo kuzoronswa inyigisho nkarishabwenge ariko ntibigeze baronswa imisi yo gutegura. Abenshi bamaze kunanirwa ikibazo bataragikora kubera ubwoba bw’icoba cinyegeje inyuma y’ico kibazo.

Inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’abaserukira abasendika y’abigisha na reta, abigisha bahavuye bagondozwa bemera gukora ibibazo imbere yo kuronswa inyigisho nkarishabwenge. Abigisha 30000 bo kuva mu mwaka wambere  gushika muwa gatandatu nibo bazoronswa inyigisho mu buruhuko bwa pasika. Abo nabo bakazomenyekana inyuma y’ikibazo kizokorwa kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 ntwarante 2022 mu ma komine yose agize igihugu.

« Jewe nibazoko bariko badukoresha ibibazo kugira baronke  uburyo bwo kuzotwigisha bataduha amafaranga y’akavunamusase nk’uko abandi bakozi ba reta bayahabwa iyo baronkejwe inyigisho nk’izo. Twarumviseko reta yaronse amafarango boduhaye atari make. » umwe mu bigisha bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi.

Tubamenyesheko abo bigisha bamenyeshejweko bazokora ikibazo c’igifaransa n’ibiharuro ariko bamwe bakaba barajuragiritse bibaza n’imba bazobazwa kuvyo bigisha n’uko bazobazwa kuvyo bize baciga kwigisha. Ivyo bikaba bibahagaritse umutima aho benshi bamaze kunanirwa ikibazo bataranagikora ngo kuko batumva intumbero yaco nyakuri, bakavugako izo nyigisho bari bazifitiye uburenganzira atabibazo barinze gukora.