« Inama nshingamateka y’uburundi irongowe n’umuntu yoba adakomeye neza mu mutwe »

Haraheze imisi abakozi b’inama nshingamateka y’u Burundi bidogera Daniel Gélase Ndabirabe ayirongoye ko hambavu yo kwinjirira abakozi arongoye ko harivyo akora bakibazako yoba adakomeye neza mu mutwe. Ivyo bikaba vyunyuwe n’itangazo yasohoye asabako abakozi bose bategerezwa kwirirwa kukazi, itangazo bobo babonako atariwe yari kurisohora akaba atanuwokwubahuka kunegura ibirimwo. 

Ikirangamisi gishasha c’abakozi b’inama nshingamateka

Amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura mu nama nshingamateka avugako umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe yanse gushiraho amategeko agenga abakozi arongoye kugira abakoreshe uko ashatse.

Bakavugako bahohoterwa mungingo z’agahotoro afata, akaba atawurongoyeigisata na kimwe afise ijambo kuko ariwe asinya kumpapuro zose, gushika no kuruhusha rw’umuplanton asavye agiye nko gushingura uwiwe eka n’abisigura kudukosa dutandukanye.

Aho ngo ikitavuzwe ni abashingamateka gushika ubu batararonswa imiduga mugihe imyaka ibiri igira ihere batowe, uko bakoreshwa n’ibindi.

Uwo mukuru w’inama shingamateka bamwe mubo bakorana bakibazako atoba akomeye neza mumutwe, bagasaba ababijejwe kugira ico bakoze kugira uwo mwubahwa akore ibiroranye nabo baroranirwe. Bakavugako babandanije bakora ukuraho ko bishobora kuzotuma igihugu kigira ingorane.