Burundi : Ibihumbi vy’abanyororo baronkejwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu baracapfunzwe

Burundi,

Mw’ijambo umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste Ndayishimiye yashikirije abarundi mu mpera z’umwaka wa 2021 yavuzeko abanyororo 2700 aribo barekuwe muri uwo mwaka mugihe yari yari yatanze ikigongwe kubanyororo barenga 5200 muri Ntwarante 2021. Gushika ubu abo yavuzeko bazorekurwa bakaburana bidengemvya mumwaka wa 2022 ntawurarekugwa nabo akaba atagitigiri yavuze.  

Mu kwezi kwa Ntwarante 2021 , Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarahaye ikigongwe abanyororo 5255 murabo akaba yavuzeko harekuwe 2700 mw’ijambo yashikirije ryo gusozera umwaka wa 2021.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avuye mubegereye abanyororo abivuga, abanyororo bafasheko umukuru w’igihugu « yashikirije ijambo rya politike kugira anezereze amakungu » bakabivuga bafatiye ngo kubanyororo barenga 2500 bagipfunzwe kandi bararonkejwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu muri Ntwarante 2021. Bagasaba kizigenza gutegeka kugira itegeko yashinze ryo kurekura abanyororo rishirwe mungiro.