Ingingo y’ibanki ya Republika y’u Burundi yo gusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro yoba igiye gukwega intambara y’ubutunzi n’imibano ?

Inyuma y’ingingo ibanki nkuru ya Republika y’uburundi, BRB yafashe
kw’igenekerezo rya 17 nyakanga 2019 yo kusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro ivugwako vyinshi harimwo n’uko ishobora gutuma haba intambara y’ubutunzi mu Burundi n’iy’imibano idasigaye inyuma.

Iyo ngingo tugira tubwabire bimwe mu biyigize ikaba yafashwe atandwi zitatu ziheze abavunja amafaranga y’agaciro bita « abavunjayi » bo mu ntara ya Muyinga bafashwe, bakamburwa amafaranga yose bariko baravunja ariko munyuma bagahava bayasubizwa kubera atamategeko yabafata.

Aha twovuga zimwe zimwe mu ngingo zafashwe n’ibanki ya Republika y’uburundi, BRB :

  1. Gutegeka abavunja amafaranga gushinga ishirahamwe rimwe abavunayi abategerezwa kujamwo bose,
  2. Umuntu wese yinjiye mu Burundi ategerezwa kwandikisha kumupaka amafaranga afise yose guhera k’uwufise ibihumbi amajana abiri vy’amafaranga y’amarundi (200000FBU) n’uwufise amafaranga y’abanyamerika ibihumbi cumi (10000USD) canke ayandi y’agaciro binganya agaciro
  3. Uwukeneye amafaranga y’agaciro atacerekanako akenewe hanze ntashobora kuronswa ayarenga amadorari y’abanyamerika amaja atanu(500USD) ku musi nahone ntarenze ibihumbi bitatu vy’amadorari ku kwezi (3000USD)
  4. Amashirahamwe yo gukinga impanuka mvamakungu akorera mu burundi ategerezwa gusaba uruhusha rudasazwe mu runani rw’amashirahamwe yo gukinga impanuka (ARCA)
  5. Umuntu agomba kurangura canke kugura ikintu hanze ntazohabwa na banki amafaranga y’agaciro arenga ibihumbi bitanu y’amadorari y’abanyamerika(5000USD) mugihe yahora aronswa ibihumbi mirongo ine (40000USD) vy’amadorari
  6. Amazu yo kuvunja amafaranga ategerezwa kwongereza amafaranga y’ingwati bitarenze umwaka uhereye ubu kandi akugurura konti muri BRB ijako amafaranga asabwa.
  7. Imbere yo kuronswa ingurane iyariyo yose ivuye hanze y’uburundi,
    amabanki ategerezwa kuronka uruhusha rw’ibanki nkuru ya republika y’uburundi nayo ikabanza kuraba ko ayo mafaranga harico azoba aje gufasha kidasanzwe ndetse inicungere.
  8. Umuntu wese ararekuriwe kwuguruza ikonti mu mafaranga y’agaciro akabitsa akabikuza uko ashatse ariko amashirahamwe hari ivyategerezwa kubanza gukwiza imbere yo gutora amafaranga y’agaciro kuma konte yayo.
  9. Amakonte yugurujwe mumafaranga y’agaciro azoshirwako amafaranga avuye hanze y’uburundi atergerezwa kwugururwa mw’ibanki nkuru ya republika y’uburundi, BRB gusa.
  10. Amazu avunja amafaranga ategerezwa gushinga ibiciro ku munsi ku munsi yisunze ibiciro vya BRB hanyuma ntarenze inyungu itegekanywa n’amategeko
  11. Umuntu wese avunjiwe amafaranga ategerezwa kuronswa icemeza ko yavunjiwe hanyuka kopi yaco ikabikwa na nyene kuvunja kuko hari abazoba bajejwe kugenzura ayo mazu yo kuvunja bazoza barasuzuma
  12. Ntamuntu n’umwe yemerewe kugira imitahe mu mazu yo kuvunja amafaranga y’agaciro arenga imwe.
  13. Inzu yo kuvunja amafaranga y’agaciro itegerezwa gutora mu BRB logiciel ikontorora amafaranga izovunja ku munsi ku musi
  14. Mugusaba uruhusha rwo kuvunja amafaranga umuntu ategerezwa kwerekana amafaranga yibaza azokwinjiza umwaka wose
  15. Amahoteri yarakuweko uburenganzira bwo kuvunja amafaranga y’agaciro ariko arashobora kwakira ayo mafaranga gusa ibiciro akabishinga mu mafaranga y’amarundi
  16. Umuntu azorenga kurizo ngingo n’izindi zizoza zirasohoka zo gushira mungiro izo zafashwe kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga azokwakwa amafaranga yose afise kandi atabutungane burinze kubijamwo.

Kur’ico duherejeko twobamenyeshako hari urwandiko rwasohowe na BRB rumenyesha ko amafaranga angana na 10% azohabwa umuntu wese azofatisaha umuntu canke ishirahamwe bakora badafise uruhusha rwa BRB

Agashimwe k’amafaranga ibihumbi amajana atanu(500000FBU) kakazohabwa umuntu wese azofatisha umuvunjayi adakurikiza bimwe twadondagura, ayo mafaranga akazoca akugwa mu mafaranga y’ingwari y’uwo yafashwe azoba ari muri BRB ariko karangamuntu ka nyene kuronka agashimwe kakazosigara muri BRB.

Umuhinga abivugako iki ?

Umuhinga muvy’ubutunzi yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi yatubwiyeko kubona reta y’uburundi yafashe izo ngingo n’uko arizo ibona zibereye nk’igihugu cigenga zofasha ikoreshwa cane ry’amafaranga y’amarundi no kuganya amafaranga y’agaciro atembera bigatuma avujwa muburyo butemewe.

Ishigwa mungiro ry’izo ngingo zibonwa uku gukurikira :


« Ni nk’uko hoza umuntu  mw’isoko agasanga igitoke kigurwa amafaranga ibihumbi cumi(10000F) agaca ashinga itegeko ryo kugabanya igiciro c’igitoki akagishira kumafaranga ibihumbi bitatu(3000FBU) kandi atazanye ibitoke. Mur’ico gihe ntawuzosubira gushora igitoke, uwuzoba afise igitoke azokigurisha n’uwo azi atomutanga ngo bamugirire nabi . »

Vyavuzwe n’uwo muhinga yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi

Uwo muhinga atashimyeko Itara Burundi tumuvuga izina yatumenyeshejeko yibazako atamuvunjayi azosubira kwemerako afise amafaranga y’agaciro kandi ko abantu benshi bazobura amafaranga y’agaciro kuko bishibora kujamwo ikimenyane.

Igikenewe kubw’iwe n’uko BRB yoshinga amafaranga y’inyungu yemewe kandi yumvikana kubacuruza amafaranga y’agaciro ivyo navyo BRB ikaba yahavuye ishinga inyungu ya 15%.

Uwo muhinga yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi abonako amafaranga y’agaciro kugira aboneke mu gihugu ari menshi hari ibintu vyinshi bisabwa ndetse akarangiza agaragaza amakenga afise kuvyerekeye ishigwa mu ngiro z’izo ngingo.

Mu bavunjayi twavuganye babonako iyo ngingo ije guhuhura ivyahuhuka kubera amafaranga y’agaciro atarakiboneka vyoroshe ariko ko uko zivugijwe ariko zitambwa ataco bafise bovuga kuri iyo ngingo.

Abanyagihugu  bagize ico bavuga kurizo ngingo

Umwe mubavuganye n’ Itara Burundi yiyumvira ko izo ngingo zoba zitumbereye kuburabuza imigambwe cane cane itavuga rumwe na reta yoba yari yizigiye kuronswa intererano n’abakunzi canke abanywanyi bayo bari hanze y’igihugu.

Uwundi nawe yatubwiye ati : «  Asha BRB yaduhaye akazi kabisa; ubu uwuzofata umuvunjayi arenze amategeko azohembwa amafaranga ibihumbi amajana atanu(500000F), narirya ibishomeri vyari vyinshi turaronse akazi!» Aha akaba yatubwiye bumwe muburyo abavunjayi bazofatwamwo :


« Umuntu azogenda afotore amafaranga ace agenda ku muvunjayi, ahejeje kumuvunjira ace amutanga hanyuma bamufatane amafaranga azwi numero »

Uburyo buzokoreshwa n’abazofata abavunjayi twabwiwe n’umunyagihugu

Tubamenyeshejo mu gufata izo ngingo BRB imyeshashako ari ukwisunga amasezerano yasinywe na reta y’uburundi yo kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya afrika y’ubuseruko, EAC ariko ko mu bindi bihugu bigize iryo shirahamwe umuntu canke ishirahamwe buguruza konte muri banke bashaka atari ngombwa ibanki nkuru y’igihugu, aho mbere no mu burundi hari ama banki yari yaje kuva uburundi bwinjiye muri EAC mu mwaka wa 2007 aho yaza yizeyeko uburundi buzobemerera gukora neza.

Akarorero ni ibanki y’abanyakenya, KCB yoba yarankiwe gukoresha uburyo ikoresha mu bindi bihugu kandi mukuza mu Burundi yoba yemererwa kworoherezwa ndetse n’izindi aho usanga umuntu agenda agashika atora amafaranga yiwe mu gihugu cose aroyemwo ariko yashika mu burundi ntashobore gutora kuri konte amafaranga y’agaciro yiwe uko avyipfuza.

Twarandikiye ibanki nkuru ya republika y’uburundi kugira iduhe umuco ku bibazo bimwe bimwe bijanye n’izo ngingo iriko irafata zerekeye ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro ariko ikaba itaraduha inyishu.